Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Steven Sogo avuga iki kw’ihiganwa Primusic 2013 rigiye gutangura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo avuga iki kw’ihiganwa Primusic 2013 rigiye gutangura

Steven Sogo avuga iki kw’ihiganwa Primusic 2013 rigiye gutangura

mercredi 10 Mukakaro 2013

Umuririmvyi Steven Sogo yaragize ico avuga kw’ihagarikwa ry’ama karaoke yahora agira n’igituma atazoba ari mw’ihiganwa rya Primusic ryitabirwa n’abaririmvyi bose bavuye mu ntara z’Uburundi. Aho hari ejo, ku munsi wa kabiri, akaba yariko aganira n’ikinyamakuru IGIHE.

Ku ku kibazo c’uko yoba azokwitaba ihiganwa rya Primusic rigiye gutangura kuva kw’igenekerezo rya 24 Mukakaro kugeza kuri 18 Myandagaro 2013, Steven Sogo yishuye muri aya majambo ati: “Iri higanwa ni ryiza cane ndarikeza, ariko ku rwego ngezeko mu muziki, sinoja muri iryo higanwa ahubwo mbona naho twese twoba twemerewe kuryitabira, iryo higanwa ryari rikwiye kuduza abaririmvyi bato bato, ari nabo bari bakwiye kuryitaba. Rally- Joe yatsindiye Primusic umwaka uheza, yahoze mu murwi w’abaririmvyi banje, urumva ko ngiyeyo noba ngiye guhiganwa n’abana banje nareze. Ikindi naco, amahera ihiganwa rya Primusic rihemba, mbona ntoja kuyarwanira, ahubwo nanje ndakwiye gutanga intererano nko mu gihe boba bampamagaye mu giteramo cavyo canke no mu bindi noshobora kubafasha.

Steven yabandanije avuga ko we afise amahiganwa akomeye yitaba, nk’aho yatwaye ihiganwa rya SICA ryabereye mu gihugu ca Benin.

Ku bijanye n’ingene yakiriye ihagarikwa rya karaoke aho yahora ateramisha abakunzi b’umuziki wiwe, yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko atashimishijwe n’iyo ngingo y’ihagarikwa rya karaoke kuko ariho yamenyekaniye cane mu guteramisha abakunzi b’umuziki wiwe, bica bituma mbere n’abakunzi biwe ishavu riniga. Ariko ubu, abakunzi ba karaoke basubiriye kugira icizere kuko yemerewe kubandanya kugeza isaha zitanu z’ijoro.

Ikinyamakuru IGIHE caboneyeho akaryo ko kubaza umuririmvyi Steven Sogo ku bijanye n’ivyo ategekanya mu gufasha abaririmvyi bataratera imbere, nawe yishuye ko ico aterera, ari uguhamagarira abaririmvyi bose biyumvamwo ingabire yo kuririmba, kuza mu murwi wiwe bakamwigirako. Aca abaha impanuro aho yavuga ati: “Kuririmbira ku ma CD, Play Back, si ukuririmba. Namba uri umuririmvyi ushaka gutera imbere, fata umwanya, wige gukoresha bimwe mu bicurangisho vy’umuziki kugira abe arivyo bigufasha kuririmba mu buryo bwa Live Music”.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.