Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tithy Love yasohoye indirimbo yiwe nshasha “ Baby Boy” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Tithy Love yasohoye indirimbo yiwe nshasha “ Baby Boy”

Tithy Love yasohoye indirimbo yiwe nshasha “ Baby Boy”

mardi 11 Ruheshi 2013

Tity love ni umwigeme ariko arigaragaza cane muri ino minsi, mu ndirimbo z’’ikirundi, ubu noneho yashize ku mugaragaro indirimbo yiwe nshasha yise” Babby boy” iyo ndirimbo akaba yarayiririmbiye umukunzi wiwe azwi kw’izina rya Kook-k.

Avuga ko iyo ndirimbo imvo zamutumye ayiririmba yagira yerekane ko agikundanye n’umukunzi wiwe kuko mu minsi yaheze uyo musore yaririmvye indirimbo yitwa” Ndagukatiye” bituma abantu benshi biyumvira ko boba barahebanye ariko ntivyari vyo kuko nk’uko uyo mukobwa avuga ko atakizobatandukanya kuko ubu bakundanye nk’amaraso n’umuntu.

Tumubajije, avuga ko iyo ndirimbo yayikoze kubw’umukunzi wiwe avugako iyo ayumvirije, asanga amajambo ayirimwo wumva ko agaruka cane ku mukunzi wiwe, nk’aho avuga ati: « Nyegera unkoreko hose urahemerewe ndi uwawe.» Ati birumvikana ko mba mvuze umukunzi wanje. Abandanya avuga ko yipfuza ko agiye gukora indirimbo ifise intumbero yo gufasha umukunzi wiwe ibijanye n’ivyo akora, kuko ubu ariko yiga ibijanye no gutunganya amafoto ndetse no gufata amasanamu.

Twamubajije ico akora kugirango babe bamaranye igihe kikini n’uyo musore, avugako bivana n’uko batabeshanya kandi Tithy Love akaba yicisha bugufi imbere y’umukunzi wiwe, barubahana, kandi bahana impanuro, urukundo rwabo rugakomera cane.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.