Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwezi kwa Rusama ntikworoheye Kanye Weste - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ukwezi kwa Rusama ntikworoheye Kanye Weste

Ukwezi kwa Rusama ntikworoheye Kanye Weste

jeudi 16 Rusama 2013

Kanye Weste ni umuririmvyi w’umunyamerika aherutse gushaka kwinyegeza abitwararika ubuzima n’ingeso z’abaririmvyi agaca akubita umutwe ku gisanamu kikamubabaza cane, Kanye West yaragize izindi ngorane, kuko imodoka yiwe yaratabagaye inyuma y’aho igonze urugi rw’inzu yo kwa Kim Kardashian.

Nk’uko vyatangajwe na Dailymail, iyo modoka ya Kanye West yo mu bwoko bwa Lamborghini, ku munsi w’ejo niho umudereva yagonze urugi rw’urugo rwa Kim Kardashian. Iyo modoka yaguzwe amadorali 750,000 yaratabagaye kuburyo kuyikoresha bizotwara Kanye West amafaranga menshi.

Umudereva wa Kanye West yagonze urwo rugi rwari rucometse ku matara, igihe yari avuye ahantu bari bamutumye. igihe yinjiraga mu hira kwa Kim, urugi rw’inzu rwariyugaye giturumbuka hanyuma ruca rukubitana n’iyo modoka ica iratabagara bikomeye.

Iyo modoka igonze mu gihe havurwa inkuru y’uko Kim na Kanye West ibintu vyoba bitameze neza hagati yabo. Ibi vyabaye Kanye West ari mu mugisagara ca New York, i Manhattan. Vyamutunye agira ibibazo vyinshi akivyumva.

Umudereva ntiyari azi neza uko urwo rugi rumeze. Urwo rugi rufise uburemere budasanzwe na cane cane ko ata muntu arwugurura ahubwo rwuguruka hakoreshejwe ubuhinga buhanitse ari navyo vyatumye uyo mudereva arugonga kuko atari azi neza uko rwuguruka canke rwugarwa.

Iryo sanganya rimaze kuba, ikigo cari gishinzwe kubungabunga iyo modoka ya Kanye West caciye kirungika umuhinga kugira aze arabe agaciro k’ivyononekaye, Kanye West ayikoreshe yongere isubire mw’ibarabara. Gushika ubu amafaranga asabwa ngo iyo modoka ikorwe ntaramenyekana.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.