Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugwi w’abaririmvyi ’’The Soldiers’’ uguma uratera imbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umugwi w’abaririmvyi ’’The Soldiers’’ uguma uratera imbere

Umugwi w’abaririmvyi ’’The Soldiers’’ uguma uratera imbere

vendredi 11 Nzero 2013

Umugwi w’abarimvyi ’’The Soldies’’ ni umugwi uririmba mu mudiho wa hip hop, ukaba ugizwe n’abasore babiri babarundi , umwe yitwa Mpawenayo Adelie afise izina ry’uburirimvyi Iken Sniper na mugenzi wiwe yitwa Nahimana Francois afise izina ry’uburirimvyi Magic Ulas-p.

Abo bose twarayaze batubarira ko bahejeje amashuri yisumbuye bakaba ari abasore bisoneye kandi bakora ivyo bazi neza.

Abo rero baramaze gukora indirimbo zabo zigera kuri zine, izo akaba ari izimaze gusohoka muri studio zishirwa ahabona ariko batumenyesheje ko hari izindi ndirimbo zibiri bagira bakore muri studio kuko ziraburako ibintu bikeyi ngo zihere.

JPEG - 88.8 ko

Mu ndirimbo zabo zamaze kuja ahabona harimwo nk’iyitwa Kiss Kiss , indirimbo yakunzwe cane n’abantu benshi. Iyakurikiye yitwa Show Busy nayo nyene yarakunzwe cane vyatumye na video yayo ija ahabona, iyindi ni iyitwa Ndimukuza, iyindi yakurikiye kuja ahabona yitwa One Love baririmbanye na Black G ikaba mu minsi mikeyi video yayo izoba yashizwe ahabona.

Ikindi batumenyesheje n’uko ngo bafise urugendo runini muri mizika, ariko ngo bafise ivyizigiro vyo kubona ababashigikira muburyo bw’amafaranga buhagije.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.