Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukobwa wa Lucky Dube ariko ategura ibiteramo vyo kwibuka se - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umukobwa wa Lucky Dube ariko ategura ibiteramo vyo kwibuka se

Umukobwa wa Lucky Dube ariko ategura ibiteramo vyo kwibuka se

lundi 17 Ruheshi 2013

Nkulee Dube, umwigeme wa w’umuririmvyi rurangiranwa wo gihugu ca Afrika y’epfo Lucky Dube azoba ari mu giteramo mu gihugu ca Uganda mu mpera z’uku kwezi kwa Ruheshi, aho abanyagihugu b’i Kampara bamurindiranye igishika biteze ico giteramo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru RedPepper avuga ko umwe mu bana indwi ba nyakwigendera Lucky Dube, ari we Nkulee Dube yateguye ibiteramo bitatu bikomeye akaba yabihaye izina ryitwa "Lucky Dube celebration tour" bikazoba biri mu rwego rwo kubandanya kwibuka se wiwe no kwibutsa abakunzi biwe bimwe mu bikorwa bikomeye yashitseko.

Uyu mwigeme wa Lucky Dube azwi cane mu ndirimbo yise “My way” azozanwa muri iki gihugu ca Uganda n’ishirahamwe Garden Wines Uganda & Aple concerts limited kandi akazoteramisha abantu ari hamwe n’abandi bacuraranzi bakomeye bo muri ico gihugu ca Uganda, nka Bobi Wine, Dr. Chameleone na Opha Kayira, abo bose akaba aribo bazomufasha mu kwibuka se wiwe yitavye Imana arashwe n’abagizi ba nabi muri Afrika y’epfo kw’igenekerezo rya 18 Gitugutu 2007.

Bitegekanijwe ko kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi uyu mwigeme w’imyaka 27 y’amavuka azoteramisha abantu ku kibuga ca rugby ca Kyandondo, kikaba gisanzwe kizwiko kwakira ibiteramo bikomeye. Ku munsi ukurikira kw’igenekerezo rya 29 ateramishe abakunzi b’umuziki mw’i Hoteli Silver Spring, ndetse kw’igenekerezo rya 30 naho azoririmbire muri moteli Agip, mu gisagara ca Mbarara.

JPEG - 16.6 ko
Nkulee Dube, umwana wa Lucky Dube

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.