Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
NASIBU Chance azoja gutora ubushimwe yatsindiye muri Montenegro Bay (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > NASIBU Chance azoja gutora ubushimwe yatsindiye muri Montenegro Bay (...)

NASIBU Chance azoja gutora ubushimwe yatsindiye muri Montenegro Bay Jamaica

mardi 17 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyi wa "Gospel" NASIBU CHANCE aremeza ko umuziki wa Gospel w’Uburundi ugiye gufata ikibanza gikomeye cane mu makungu. Uwo muririmvyi afise ibibanza vyiza mw’ihiganwa "Prayze Factory Awards" ririko ribera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

NASIBU Boni Chance amaze igihe kitari gito ari mw’ihiganwa ryitwa "Prayze Factor Awards" ririko ribera mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika. Uwo muririmvyi wa Gospel yatwaye mw’ihiganwa ururirimbo ""I will Live" aho rwariko ruhiganirwa ibibanza bine ari rumwe. Ivyo bibanza ni :

1) Urban Category : bisigura indirimbo zivugirizwa abategetsi iyo bateramye,

2) Contemporary Category : indirimbo zigezweho,

3) Jazz Category : indirimbo zo mu mudiho wa Jazz,

4) Afro Category : indirimbo ziri mu mudiho w’ikinyafrika.

Nk’uko amanota ava mw’ihiganwa avyerekana kandi bikemezwa na Nasibu Bauni Chance, urwo ruririmbo ruramaze gutsindira ibibanza 2 muri ivyo 4. Ururirimbo "I will Live" rwabaye urwa mbere muri Contemporary : indirimbo zigezweho na Afro category : indirimbo ziri mu mudiho w’ikinyafrika. Atagihindutse, Nasibu azoja i Montenegro Bay muri Jamaica ku magenekerezo ya 23 na 26 Ruhuhuma kuvuza umuziki wa "Live" atore n’ubushimwe bw’ico kibanza. Ico gihe azoba ariko ahiganirwa ikibanza ca mbere mu gisata ca Jazz na Urban kubera urwo ruririmbo nyene.

Nasibu kandi afise ikibanza ca gatanu(5) mu masanamu 9 ariko arahiganwa, ariko no muri ico gisata guhiganwa biracabandanya, eka n’amajwi arayasaba kugira atsinde muri birya bisata bine twababwiye.

Mwomenya Nasibu Chance atashimye kutubwira ibijanye n’ubushimwe azoba atsindiye, isango atanga n’umunsi azokoranya abamenyeshamakuru bose ababwira isango azofatirako indege n’ubushimwe azoba agiye gutora.

Umviriza ururirimbo "I will Live" rwa Nasibu ruriko rutsinda ihiganwa


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.