Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musenyeri Justin Baransananikiye yipfuzako umuziki w’Uburundi wosubira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Musenyeri Justin Baransananikiye yipfuzako umuziki w’Uburundi wosubira (...)

Musenyeri Justin Baransananikiye yipfuzako umuziki w’Uburundi wosubira kuronka akanovera

jeudi 5 Ruheshi 2014

Umuririmvyi Musenyeri Justin Baransananikiye yasohoye igitabu yanditse intango y’umuziki uvuzwa muri kino gihe. Ico gitabo yise"De l’Inanga a la Guitare Classique"cerekana uko abaririmvyi bagiye bahindura indirimbo za kera bazishira mu midiho igezweho. Abona ko umuziki w’Uburundi watakaye ari naco gituma yafashe intumbero yokwigisha abaririmvyi bo mu Burundi.

JPEG - 1.1 Mo
Musenyeri Justin Baransananikiye

Umuririmvyi Musenyeri Justin Baransananikiye mu gitabo yise "De l’Inanga a la Guitare Classique" yanditse afatiye kuva mu mwaka w’i 1960 igihe Barengayabo yandika ururirimbo ruhayagiza igihugu"Burundi Bwacu" gushika mu mwaka w’i 1985.

Uwo muririmvyi yerekana uko abaririmvyi bico gihe batanguje umuziki w’Ikirundi wo kw’itsitso, umuziki werekana umuririmvyi w’Umurundi, umuziki atari mvamahanga. Abaririmvyi nka bose bo muri ico gihe baraboneka muri ico gitabo, eka na zimwe mu ndirimbo zabo ziranditswe hamwe n’imirwi(Orchestre) barimwo.

Musenyeri Baransananikiye yibukije abamenyeshamakuru bari bitavye ikiganiro, umwaka w’i 1973 mu kwezi kwa Mukakaro aho umuririmvyi Ngabo Leonce yatsinda ihiganwa rya mbere ry’ururirimbo ku rwego rw’igihugu (1er Concours National de la Chanson) akaronka agashimwe bise"Pirogue d’Or de la Chanson". Ico gihe nyene haciye havuka umurwi w’abaririmvyi b’igihugu(Orchestre National) yitwa Orchestre Akezamutima.

Mukurangiza, Musenyeri Baransananikiye avuga muri kino gihe ata muziki w’Uburundi uhari, ari naco gituma yari yatanguje ishuri ryigisha umuziki mu ntara ya Gitega. Muri kino gihe, ategura kwigisha umuziki abaririmvyi bavyipfuza bo mu gisagara ca Bujumbura kugira na ntaryo Uburundi busubire kuronka abaririmvyi baririmba umuziki uvuye kw’isoko ry’umuziki wa kera.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Urakoze nyakubahwa Musenyeri, ahubwo urashiraho nagasandugu utumenyeshe I numéro abarundi bakunda umuzika wabo baterere. Jewe ndemeye guterera n’ukuri kugira dutezimbere umuziki wacu. Murakoze Cane.

  • Urakoze nyakubahwa Musenyeri, ahubwo urashiraho nagasandugu utumenyeshe I numéro abarundi bakunda umuzika wabo baterere. Jewe ndemeye guterera n’ukuri kugira dutezimbere umuziki wacu. Murakoze Cane.

  • Ndagushimiye cane bivuye ku mutima, Muvukanyi wacu Paul Sinzinkayo. Imwe mu ntumbero zitatu nkuru-nkuru iki gitabo gifise, ni ukugira mu mafranga kizogurishwa, habonekemwo ayofasha Ishure rya mbere ry’umuziki mu Burundi twuguruye ngaha i Gitega ryitwa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, ryaje kwigisha urwaruka rwacu ngo ruze rushobore guteza imbere umuziki w’Uburundi rwisunze ubuhinga nyabwo mpuzamakungu buwugenga. Iri shure rirakeneye ibitabo bitandukanye tuzokwigishirizamwo dutegerezwa gukura mu bihugu vy’i Bulaya n’ahandi, hamwe n’ibikoresho vyinshi vy’ibicurarangisho, hamwe n’uburyo bwo kuza turazana abahinga bakomakomeye bo mu bindi bihugu, boza baraza kudushigikira mu gutunganya ama seminaires yo kwigisha abaririmvyi n’abacuraranzi b’Abarundi. Tuzomenyesha vuba abifuza kudushigikira bose INOMERO YA COMPTE BOSHIRAKO INTERERANO ZABO.

  • Murakoze cane twari tunyotewe kumenya kahise ku muziki wuburundi

  • turagushimiye musenyeri kuri iki gikorwa kidasanzwe uzanye mugwaruka kugira urushigikire ruterimbere mumuziki! n ukuri turagushimiye, turazi neza ko bizogira aho bidukura kugira bidushikane ku ntambwe ishimishij k umziki w uburundi
    ahubwo tubwire igihe rya shuri rizotangura kugira dusidukane n iyonka murakoz

  • murakoze cane nyakubahwa,Musenyeri JUSTIN BARANSANANIKIYE,kugira iciyumviro nk’ico co gusubira kunagura umuziki w’UBURUNDI.Birababaje kubona igihugu kibura abigisha umuziki mu mashure kandi hari habonetse umuhinga w’umurundi abizi atanguje ishure ryobigisha neza.Nteye akamo l’ETAT,cane cane NYAKUBAHWA UMUKURU W’IGIHUGU hamwe n’ABASHIKIRANGANJI B’inkino hamwe n’amashure mato mato n’ayisumbuye,gushigikira no gufata munda uwo muhinga yiyumviriye ico gikorwa.Iryo shure ry’umuziki rishobora gufasha gutegura neza abigisha ba FONDAMENTALE kugira ico cirwa kizotangure gutangwa neza mu mwaka uza.MURAKOZE CANE.

  • ico ciyumvuro co gushiraho iryo shule ni ciza cane gose NYAKUBAHWA MUSENYERI.Birakwiye ko rero L’ETAT ica ibashigikira cane kuko bizofasha gose kugarukira umuziki wacu mu gihe tubona umengo akaranga k’abanyamahanga kariko karatumira cane.L’ETAT nishigikire uwo muhinga bishotse imwikoreko mu gutegura no mukwigisha abigisha ba fondamentale.Murakoze cane

  • Nongeye gushimira cane Abapfasoni n’Abashingantahe n’Urwaruka mwese mwatahuye uburemere bw’iki gikorwa co kwigisha Urwaruka rw’Uburundi ubuhinga bubereye bwo gukora neza mu guteza imbere no gusubiza akanovera Umuziki wacu kavukire ngo ugire icicaro c’iteka mu makungu.
    Nk’uko mwabidusavye, abifuza gufata mu mugongo no gushigikira INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA twuguruye icese kubw’ivyo bikorwa, borungika intererano zabo kuri iyi compte ikurikira:

    MUTEC – GITEGA
    Mgr. Justin BARANSANANIKIYE
    Directeur de l’INSTITUT DE MUSICOLOGIE
    COMPTE No: 3004 – 40753901 – 78
    Mention: Soutien pour la formation des Musiciens du Burundi.

    N.B: Abari mu bihugu vyo hanze, boyarungika kuri iyo compte nyene bakoresheje bwa buhinga bwitwa RIB, na MONEYTRANS, bagaca babitumenyesha. Tel: 257 79 877 097, Email: jbaransananikiye@yahoo.fr. ICEGERANYO CEREKANA UKO INTERERANO ZANYU ZIKORESHWA KIZOKWAMA GISHIRWA AHABONA UKO AMEZI ATANDATU AHEZE, Uwaterereye wese akazokirungikirwa mw’ikete.
    INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA yahawe uburenganzira bwo gukora n’Urwandiko Nshikiranganji No. 226.01/CAB/1405/DGCA/2013 rwo kw’igenekerezo rya 11/11/2013, ikaba igiye gukorera mu nyubakwa zacu za EPISCOPAL FREE CHURCH i Gitega. Intererano zanyu zizoca zitangura gukoreshwa mur’uno mwaka wa mbere, guhera itariki 7/7/2014 gushika 30/6/2015, aho tugiye gutanguza urukurikirane rw’ivyigwa bizohabwa abaririmvyi n’abacuraranzi bo mu Burundi ku buhinga nyabwo bwo kwongera gusubiza akanovera Umuziki w’igihugu cacu. Ivyigwa dutegekanije muri ico kiringo ni ibi bikurikira:
    - Introduction et Etudes sur les principaux genres et styles des musiques instrumentales traditionnelles du Burundi: Inanga, Ikembe, Umuduli, Indonongo, en vue d’une production musicale Burundaise originale modernisée.
    - Etudes sur les caractéristiques de l’Art vocal traditionnel Burundais et leur importance dans l’Art vocal de notre musique moderne: a) l’art vocal des imyino, ibicuba, ibitito; b) l’art vocal des berceuses; c) l’art du chant des danseurs agasimbo; d) l’art vocal Akazehe.
    - Les principaux rythmes des musiques traditionnelles Burundaises trouvés chez les danseurs ingoma, les danseurs Intore, les danseurs Agasimbo, les danseurs Umuyebe, les danseurs Umutsibo, etc.
    - Etudes sur les modèles de chansons Burundaises produites autrefois par les Pionniers de la Musique Burundaise moderne de l’Orchestre National et l’Orchestre Amabano (1977-1985).
    - Constats généraux et essais de marriage des instruments traditionnels Burundais avec les instruments occidentaux (analyse critique)
    - Les constructions poétiques traditionnelles Burundaises et l’art poétique lyrique comme modèles d’inspiration pour les auteurs des paroles chantées dans la Musique Burundaise moderne.
    - Introduction au Solfège élementaire (notions préliminaires).
    - Survol de la théorie musicale sur les Gammes et les Accords.
    - Etudes guidées et comparées autour de certaines musiques africaines modernes: la musique Congolaise, Camerounaise, Sud-Africaine, Sénégalaise, Malienne et Nigérianne.
    - Exercices pratiques de composition de nouvelles chansons typiques Burundaises et enregistrement d’un album de référence.

  • Ter’imbere Nyakwubahhwa Musenyeri.Vyari bikwiye ko Leta,amashirahamwe atandukanye n’umuntu wese yiyumvamwo ko gushigikira umugambi nk’uwo wo gutez’imbere umuziki w’uburundi ari nkenerwa cane.TURAGUSHIGIKIYE KANDI TURI KUMWE NAWE.

  • Turakengurutse cane ico ciyumviro ni ciza gose twari tubinyotewe turabashigikiye komera mutama .

  • Turashimye ivyiyumviro mufise Imana ibaje imbere ngira ngo umuz iwuburundi wotera imbere dusavye ababishoboye bose kugushigikira

  • Abaririmvyi batandukanye n’abiyumvamwo ko umuziki w’Uburundi wosubizwa akanovera kawo,ni muze duhagurukire rimwe dushigikire aka gaseke kazanyw na Musenyeri Justin Baransananikiye maz’umuziki wacu uter’imbere,ukwo s’ukuri ga yemwe?

  • komera kukaranga kabarundi narakwirikiranye ikiganiro canyu kinshika kumutima,muvyukuri wafashintumbero nziza kandi turifuza kowo yikwiza mugihugu cose,benshi barashobora gucuraranga ariko badashobora gusoma umuziki,twifuza komwokwiragiza izonyigisho tukamenya,Imana ibahezagire.

  • Jewe Ico Niyumvira Nuko Mwoja hamwe Mukiga Ikintu Cokunonosora Umuziki Ugasubira kuba Nka kera

  • NDIMULIKONGO NKABANGONBAKULILI NOKOLAIL

  • nsengiyumva louis

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.