Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi rurangiranwa Tiken Jah Fakoly yifatanije na Mali mu kugwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi rurangiranwa Tiken Jah Fakoly yifatanije na Mali mu kugwanya (...)

Umuririmvyi rurangiranwa Tiken Jah Fakoly yifatanije na Mali mu kugwanya intagondwa

mercredi 2 Nzero 2013


Umuririmvyi azwi cane wo mu gihugu ca Cȏte d’Ivoire aheruka gusohora indirimbo yo gushigikira igihugu ca Mali mu rugamba rwo kugwanya intagondwa z’aba islam zifadikanije na Al-Qaȉda ,zikaba ziri mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Nk’uko yabibwiye itororokanirizo ry’abafaransa AFP ,umuririvyi Tiken Jah Fakoly ati«nakoze iyo ndirimbo kugira nifatanye n’igihugu ca Mali kiri mu ngorane zikomeye.Nibwo buryo bwanje kugirango mbwire abantu ko atagikozwe ibisagara vya Tombouctou , Gao hamwe na Kigal ibisagara bikomeye mu buraruko bwa Mali biri mu minwe y’izo ntagondwa bishobora kugenda akagirire izo ntagondwa zikavyonkora burundu ku gihugu ca Mali »

Iyo ndirimbo ikaba yatanzwe ku buntu ,kubwiwe ngo igihugu ca Mali n’igihugu camanye abashingantahe b’ijambo kuva muri kahise k’igihugu ati ntivyunvikana ko boreka igihugu kikagaburwamwo kubiri nk’uko biri uyu musi .Ni naco gituma muri iyo ndirimbo ahamagarira abanyagihugu bo muri Mali guhagararira igihugu cabo.

Uwo muririnvyi Tiken Jah Fakoly wo muri Cȏte d’Ivoire akaba yahungiye muri ico gihugu ca Mali kuva intambara itanguye inyuma y’amatora , intambara yahitanye abantu bagera ku bihumbi bitatu , bikaba vyari bitegekanijwe ko yifatanya n’urundi rwaruka mu myiyerekano yo kwiyamiriza ko izo ntagondwa zifatira uburaruko bw’igihugu ,ariko igipolisi kikaba carabujije iyo myiyerekano ku gutinya ko izo ntagondwa zo gira ibitero.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.