Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi S D le Pygme aririmba aremesha abo bose bari mu bibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi S D le Pygme aririmba aremesha abo bose bari mu bibazo (...)

Umuririmvyi S D le Pygme aririmba aremesha abo bose bari mu bibazo vy’ubuzima

lundi 14 Mukakaro 2014

Umuririmvyi Small Dog le Pygme yashize ku mugaragaro ururirimbo rushasha, uwo muririmvyi atanga ubutumwa asaba Imana imwibuke. Ubutumwa uwo muririmvyi atanga mu ndirimbo ziwe buremesha abihebuye, abakenye, abashizwe hasi n’akarenganyo, n’abandi bose bafise ibibazo bitandukanye.

"Mana Nyibuka" ni ururirimbo rushasha rw’umuririmvyi wo mu mudiho wa Hip Hop Small Dog le Pygme. Mu kiganiro uwo muririmvyi yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko indoto ziwe kenshi zumvikana mu ndirimbo agenda akora. Izo ndoto n’uko Abarundi bose bomenya umudiho wa Hip Hop nk’umudiho utegerezwa gutanga ubutumwa bwofasha abantu mu mibereho yabo.

Ururirimbo "Mana Nyibuka" rufise ubutumwa buraba abantu bose cane cane abagowe n’ubuzima. Uduce tumwe tumwe tw’ururirimbo turimwo amajambo akwirikira :

"Urakoze Mana kunyumva, ndi wa mugogwa wawe adahengeshanya kugusaba..."

" Mushikanje yapfiriye muri "Boite", Mana umwakire sinzi icatumye abikora..."

"Mana wibuke abagorewe mu mahema...’

"Nsa na wa muboyi akora iminsi yose ntahembwe..."

"Nsa na wa mu mama adandadaza ikaranga akunguka ijana n’ibimoko vyinshi vy’aba polisi..."

Uririmbo rwa S D le Pygme canke Small Dog Le Pygme amaze gukora indirimbo zitari harimwo izamenyekanye cane nka KUMURWA WAMASHETANI yakoranye na 19TH, YARITAHIYE na SAT B, NZOGUPFIRA na FROLIS, 2015 NTUSHIKE na BIG hamwe na MKOMBOZI, n’ururirimbo MANA NYIBUKA rushahsa. Eka si izo gusa, kuko hari izo yagiye afasha abandi baririmvyi. Aha tukavuga nk’indirimbo yakunzwe yitwa ALLAH AKBAR yafashije umuririmvyi WAWA n’iyindi yitwa NIMPFA NZEREKWA yafashije umuririmvyi MASTER BK.

Umviriza ururirimbo "Mana Nyibuka"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.