Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Sat B yateye intambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Sat B yateye intambwe

Umuririmvyi Sat B yateye intambwe

mercredi 9 Nzero 2013

Ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero 2013,umuririmvyi w’umurundi Sat B yarinjiye mu murwi Wise Men urongowe n’umuhinyanyuzi rurangiranwa Washington wo mu gisagara ca Kampala.

Umuririmvyi w’umurundi Sat B yarinjiye mu murwi Wise Men urongowe n’umuhinyanyuzi Washington wo mu gisagara ca Kampala mu gihugu c’u Buganda.Muri uwo murwi Sat B asanzeyo abandi baririmvyi barurangiranwa bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko harimwo Kitoko,Urban Boys,Bolo na Washington asanzwe anawurongoye.

Sat B rero akaba yashitse muri uwo murwi inyuma y’aho asohoreye indirimbo yiwe ya kabiri yitwa Tanganyika Girl abifashijwemwo na Washington ikaba itabwa mu mudiho wo mu gihugu ca Nigeria ikaba izojamwo Bolo na Washington. Kubera iyo ndirimbo nyene umuhinyanyuzi Washington avuga ko ariho yaboneye ko Sat B akwiye kuba umuririmvyi wo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Ku bijanye n’uko Sat B yoba agomba gukorana n’abaririmvyi Weasle na Radio,ngo aracarindiriye.Sat B akaba avuga ko ubu umuntu ashobora kumwita «East African Man».


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.