Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Spok’s ntiyorohewe agitangura kuririmba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Spok’s ntiyorohewe agitangura kuririmba

Umuririmvyi Spok’s ntiyorohewe agitangura kuririmba

mardi 6 Rusama 2014

Dushimirimana Eric abona ko kuririmba ari umwuga utoroshe intango. "Intango iragora ariko umuntu aba yiyumvamwo ico ashoboye, ntakibuza kubandanya iyo uzi iyo uriko uraja. Vyarangoye ariko vyatevye bitora inzira".

JPEG - 21.4 ko
Dushimirimana Eric azwi kuri Spok’s

Dushimirimana azwi kw’izina rya Spok’s, avuga ko intango yo kuririmba yamugoye kandi yumva impano zimubiramwo. Spok’s aratwibutsa ko yatanguye kurondera ingene yokwinjira mu murwi w’abaririmvyi. Iyo nzira yamubanye ndende kuko nta mahera yari afise yo kuja mu buhinyuzi bw’indirimbo (studio), abo yasaba bose bamusaba amahera. Iciyumviro ca mbere camujemwo cari ico kugira amahayanishwa "Publicité". Yinjiye mu nzu ikoreremwo ishirahamwe ryo guhanahana amakuru Leo (icitwa U-Com), abasaba kubagirira Publicité.

Spok’s ati : "Muri leo bahejeje kunyereka ababijejwe, bambajije nko numva ko nshoboye kuririmba, baca ampa amahera 40.000 kandi ari ubwa mbere bambonye". Ico gihe hari mu mwaka w’i 2009, Spok’s aca yinjira muri "Mayibobo Records Studio" aho yatanze igice c’aya mahera. Ururirimbo rwa mbere rw’ukumenyekanisha U-Com yarukoze yisunga umudiho w’umuririmvyi Akon. Arutwaye muri U-Com bamubwiye ko indirimbo ari nziza ariko umudiho ari uw’abandi. Spok’s aribuka umukozi wa U-Com yamwibiye akabanga ati :"U-com yarakwije nta mahayanishwa ishaka."

Uwo muririmvyi yibwira ati ngwanye nabi aja muri Smart ajanye n’umuhinyanyuzi wo muri "Be One Records" yo mu Kamenge, eka naho nyene ntivyakunda kuko bari basanzwe bifitiye uwubagiriranira "Publicité".
Spok’s abonye "Publicité" vyanse yibwira kuronderera mu bamenyeshamakuru, niko kuririmba akaririmbo "Abamenyeshamakuru" akibazo hoho ko agiye kumenyekana cane ariko siko vyagenze naho urwo ruririmbo rwabaye ururirimbo ruhariwe indwi kuri "Radio Isanganiro". Aribuka ko rwasubiye kuvuzwa aho Hassan Ruvakuki apfungiwe hari mu mwaka w’2011.

Dushimirimana Eric azwi nka Spok’s yasanze yagomba kwihutisha imigisha kuko hageze yaramenyekanye cane. Abivuga kuko indirimbo ziwe zikundwa cane kandi agatumirwa mu biteramo bikomakomeye, nawe nyene arabona ko isemo ari nziza. Uwo muririmvyi yatanguye kumenyekana ku ndirimbo ziwe zakunzwe cane nka "Ndatemutse", "Siko Nabisanze", "Agakuku" n’izindi.

Amwe mu mafoto yakoresheje mu ruririmbo agakuku:

Umviriza ururirimbo "Agakuku" rw’umuririmvyi Spok’s


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.