Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Super Huff ati : "Numva noja kwibera muri Studio". - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Super Huff ati : "Numva noja kwibera muri Studio".

Umuririmvyi Super Huff ati : "Numva noja kwibera muri Studio".

samedi 19 Ndamukiza 2014

Abaririmvyi bariko baraduga mu muziki w’Uburundi bazana inguvu nyinshi n’ubuhinga budasanzwe. Haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu bindi bisagara tuguma turonka abaririmvyi babica bigacika mu muziki. Yves canke Super Huff nawe ntaje avyorosha mu muziki w’ikurundi.

Umuririmvyi Hakizimana Yves azwi kw’izina rya Super Huff ariko arabica bigacika aho mu muziki aho mu gisagara ca Rumonge. Super Huff inyuma yo gusohora uririmbo rwa mbere yakorereye mu nzu ihinyanyura indirimbo "High Level" arwita "Uno munsi singenda ntavuze" ari narwo rwamuhaye ingonga n’ishaka ryo kuririmba, avugako yumva yoja kwibera muri za nzu zihinyanyura imiziki (Studio) kugira inyota yo gukora imiziki ihere.

Super Huff ati:"Maze kubonako ivyo nibazako bitoshoboka bishobotse, bisigurako ko nibwirako kuririmba bifise ababigenewe, nanje nkabona ndaririmvye ururirimbo rwa mbere abantu bagashimana, nahisemwo gufata urwo rugendo. Ngenda nja imbere nta kebaguzwa, ngiye kuja k’urugero rw’umuririmvyi umutima wanje ushaka. Inyota yo kuririmba nshaka kuzoyizimya".

Super Huff avugako yababaye yumviseko umuhinyanyuzi wo muri "High Level"yagiye mu mahanga ariko ntivyamuciye intege. Super Huff n’abandi baririmvyi bo mu gisagara ca Rumonge basangiye ingorane zo kubura abahinyanyuzi (Producteurs) kuko mu gisagara cose kirimwo abaririmvyi benshi gifise abahinyanyuzi 2 gusa nabonyene bagiyeyo vuba.

Super Huff n’umuririmvyi akongera akaba n’uukinyi w’umupira mu murwi wa Messager FC aho ari umunyezamu.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.