Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi w’umurundi Jiji Seven yakiriwe neza mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi w’umurundi Jiji Seven yakiriwe neza mu Rwanda

Umuririmvyi w’umurundi Jiji Seven yakiriwe neza mu Rwanda

dimanche 13 Nzero 2013

Abaririmvyi b’abarundi baririmba indirimbo z’Imana bageze ku ntambwe ishimishije kuko bagendera n’ibindi bihugu mbere bakakirwa neza haba mu mashengero, mu maradiyo no mu bimenyeshamakuru.

Inyuma ya Apollinaire,Fortran,David,Dudu,H4C na Redemption Voice, umuririmvyi aririmba mu mudiho wa Reggea Jiji Seven nawe yarashitse mu gihugu c’u Rwanda mu mpera z’umwaka uheze w’2012. Mu ndwi zibiri ziheze rero umuririmvyi Jiji yarashoboye kwakirwa ku maradiyo aho yariko amenyekanisha indirimbo aheruka gukora.

Indirimbo yashoboye gushika ku nyota abantu b’i Kigali n’indirimbo iri mu mudiho wa reggae "You are the same". Muri iyo ndirimbo woshobora no kumwitiranya n’umuririmvyi rurangiranwa wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo Lucky Dube.

JPEG - 5.3 ko

Umuririmvyi Jiji akaba yatahutse mu Burundi yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira akore DVD hanyuma azosubire kuyigurisha kuko abatari bake baragomvye kugura CD barayibura kuko atarasohora urukurikirane rw’indirimbo.

JPEG - 17.5 ko

Mugihe rero umurongo wa site www.inyarwanda.com watoye gukorera ku buzima bwa Jiji Seven,site www.urugero.com yoyo ikora cane cane ku baririmvyi b’indirimbo z’Imana yashimye gukora ku makuru muri rusangi ku gikorwa ca Jiji Seven mu gushirako ayandi makuru menshi.

Ashitse mu Burundi Jiji Seven yaciye amenyesha ko ategekanya gukora amasanamu y’indirimbo zibiri zo mu mudiho wa reggae zikunzwe cane "You are the Same" na "Mister Number One.""


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.