Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Yves Kami agiye gusohora indirimbo yahariye abarimyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Yves Kami agiye gusohora indirimbo yahariye abarimyi

Umuririmvyi Yves Kami agiye gusohora indirimbo yahariye abarimyi

mercredi 26 Ruheshi 2013

Umuririmvyi Yves Kami tumunyereye mu ndirimbo Samandari, ariko arabandanya gutegura izindi indirimbo kugira agume anezereza abakunzi biwe.

Avuga ko inyuma y’indirimbo Samandari, ariko ategura iyindi ndirimbo yerekeye uburimyi kubera ko uburimyi butunze abarundi benshi, kandi ko ari nabwo mushinge w’iterambere. Integuro yayo rero igeze kure, akaba abikora ashigikiwe n’ishirahamwe Paiosa ryegamiye CTB. Iyo ndirimbo yiwe ariko irahera gutegutwa, ihayagiza umurimyi n’ibikorwa vyiwe kuko ariwe mushinge w’iterambere rirama. Mu bindi bikorwa ariko arakora ari mugusohora amasanamu y’indirimbo Samandari vuba agiye kuja ahabona.

Ayo masanamu ngo ntazomworohera kubera ico indirimbo kubijanye n’ibihe vya kera.
Ubu rero, ari kumwe n’abandi mu murwi bise Kami Music. Uwo murwi w’akaranga, urimwo abaririmba, abavuza ibitari hamwe n’abavuza ingoma z’akaranga ku Burundi.
Arasigura igituma bashimye gushiramwo ingoma z’uburundi ni uko ari ikintu gikomeye mu buzima bw’akaranga k’igihugu. Ingoma z’ikizungu zisaba uburyo burebure kandi zitajanye n’akaranga k’igihugu cacu.

Abandanya agaragaza umunezero yagize ku munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki mu Burundi, kubera ko yashoboye guhura n’abaririmvyi batandukanye b’abarundi bakaryohererwa hamwe. Arashimira kandi abakunzi biwe babandanya bashima ibikorwa vyiwe nawe ngo ntazoruha no kubandanya abashimisha.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.