Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyikazi Ashley akebura abahinyanyuzi kuza barakarisha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyikazi Ashley akebura abahinyanyuzi kuza barakarisha (...)

Umuririmvyikazi Ashley akebura abahinyanyuzi kuza barakarisha ubwenge

mercredi 6 Myandagaro 2014

Umuririmvyikazi Ashley arashima inama y’uko yokwigenza mu mwuga wo kuririmba yahawe n’abaririmvyi batejwe imbere n’umwuga. Abona ko Uburundi bushobora kuronka umuziki wa bwo ushobora kuja ku rugero mpuzamakungu. Uwo muririmvyikazi aranegura abahinyanyuzi bakora akazi batazi, bari mu basubiza inyuma umuziki w’Uburundi.

Impano yiwe yo kuririmba yavyuwe na bamwe mu bihangange mu muziki w’Uburundi. Ashley Girukwishaka aribuka amajambo yabwiwe na Kidum igihe bahurira mu gihugu ca Kenya. Aribuka Kidum amubwiye ati: " Ntuzorindire ko hari uwukubwira ko ushoboye, urabikora nk’uko umutima wawe ubigutegetse, gikuru n’ukumenya aho ushaka gushika, ugafita ihangiro, ibisigaye birakwirikira". Ashley abandanya avuga ko yagiye afasha Steven Sogo mu biteramo bita "karaoke", aho hose yariko arahura ubwenge.

Mu buzima bwiwe nk’umuririmvyi, Ashley abona ko abaririmvyi b’Abarundi bogerageza bakareka kwigana abaririmvyi bo muri za Buraya na Amerika, bogerageza bakarondera umudiho wokwitirirwa Uburundi nk’uko ibihugu nka Nigeriya, Afrika y’Epfo, Uganda, Urwanda n’ibindi bimwe bimwe vyo muri Afrika bigira. Arakebura abaririmvyi bihata kugira baririmbe nk’abaririmvyi bakunda, kuko umuntu wese afise impano ziwe.

Ashley arangiza asaba abahinyanyuzi ko boza baraja kurahura ubumenyi bakazana bishasha kuko imidiho ihari ishaka gusa bigatuma abaririmvyi biyumvirako bibanye imidiho.

Mwomenya ko Ashley n’umurwi wiwe w’abatamba bariko bitegurira igiteramo yatumiwemwo kizobera mu kigo c’urwaruka mu Kamenge. Afise agaseke k’indirimbo zigera kuri 3 arindiriye, ariko ntashima kuvuga umunsi azogapfundurirako.

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo " Me Love U"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ashley, ndagushimiye caaaane kuri iyi mpanuro uhaye abaririmvyi b Abarundi, aho uvuze uti BOGERAGEZA BAKAREKA KWIGANA ABARIRIMVYI BO MURI ZA BURAYA NA AMERIKA, ariko bogerageza bakarondera umudiho wokwitirirwa Uburundi nk uko ibihugu nka Nigeriya, Afrika y Epfo, Uganda, Urwanda n ibindi bimwe bimwe vyo muri Afrika bigira. Arakebura abaririmvyi bihata kugira baririmbe nk’abaririmvyi bakunda, kuko umuntu wese afise impano ziwe.
    Niwaronka akanya, turagutumiye uzokubitire i Gitega aho Ishure rishasha INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA rikorera muri ALLIANCE FRANCO BIURUNDAISE, ryatanguye ibikorwa bikomeye vyo kunagura Umuziki w’Uburundi, duhereye hasi. Urwaruka rw i Gitega ruriko rurigishwa vyinshi mu mategeko mpuzamakungu y Umuziki, kugira ruzoshobore kubikoresha mu bushakashatsi twatanguje bwo kurondera Umudiho kama woranga Uburundi ku rubuga mpuzamakungu.
    Bazoheza igice ca mbere c ivyigwa itariki 23 z uku kwezi aho tuzobaha impapuro z umutsindo. Turaguhaye ikaze.
    Ni Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE, arongoye INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Urashobora kutwandikira kuri iyi Email: jbaransananikiye@yahoo.fr canke ukadutelefona kuri 79 877 097 canke 77758 123

  • Nagira ngo nsabe muze mureka ivyiyumviro vya abantu bize birasohoka kugira ngo tuje turahanurana muvyo tuvuga no muvyo twandika . ASHLEY,Mukobwa uragowe,imvugo siyongiro,mbere yo gukosora abandi gerageza kubanza kwikosora kuko ntushobora gukuru ingiga iri mujisho dya mugenzawe kandi nawe ikiri mudyawe.birababaje iyo uvuze ko abandi boreka kwigana abaririmyi biburaya wewe uba wishize hehe?Reka nguhanure:mumico yacu turamenyereye kwambara imbega amayugi ,intambo zu umuyebe,agasimbo nizindi....muvyo mbona uvyina vyose nivyiburaya na amerika none wumva wohanura iki abandi kandi nawe ariko uri! 2.Iyo myambarire yawe niyo myambarire yabarundikazi? ntawuhenereje ahanura uhenye.Mwe mjejwe IGIHE nimureke kuja murasohora imvugo zubube gito zabamwe bamwe ntaco zitumarira uretse kwiyerekana gusa.ASHLEY mu ndirimbo yawe< Me love you> wambaye kirundikazi canke ki burayi na amerika?ndifuza uwariwe wese ko yompa inyishu.Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.