Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Seraphim’s Songs waratahukanye agashimwe kitiriwe Kora Music Awards (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umurwi Seraphim’s Songs waratahukanye agashimwe kitiriwe Kora Music Awards (...)

Umurwi Seraphim’s Songs waratahukanye agashimwe kitiriwe Kora Music Awards 2012

vendredi 4 Nzero 2013

Umurwi w’abarundi Seraphim’s uririmba idirimbo z’Imana waratahukanye agashimwe kitiriwe Kora Awards 2012 mw’ihiganwa ryabereye mu gihugu ca Cȏte d’Ivoire kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2012.

Hari mw’ihoteri yitwa Hȏtel Ivoire yo mu gisagara ca Abidjan kuwa 30 Kigarama 2012 ahabereye ivyo birori, hakaba hari abantu benshi cane. Umurwi Seraphim’s Songs ukaba wabaye uwa mbere n’indirimbo yabo Impundu imbere y’iyindi mirwi itanu iririmba indirimbo z’Imana.

Iyo mirwi ikaba ari Joyous Choir,Soweto Gospel yo mu gihugu ca Afrika y’epfo,DMK wo muri Zambiya,Gael wo mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo,Infinity wo muri Nijeriya.

Ibirori vyatanguye isaha zibiri z’ijoro n’ukuvuga isaha zine z’ijoro mu masaha yo mu Burundi bikaba vyamaze amasaha abiri.Ibikombe 24 nivyo vyatanzwe,uwa mbere yahamagawe akaba ari umuririmvyi Nimbona Kidumu Jean-Pierre yahawe agashimwe k’umuririmvyi wa mbere w’umugabo wo mu karere ka Afirika y’ubuseruko mu ndirimbo yiwe Mulika Mwizi.

Inyuma y’ibindi bikombe 20 haciye hakurikira umurwi Seraphim’s Songs. Nkuko Orlando Niyomwungere umwe mubagize uwo murwi yabivuze,ngo bahora bazwi mu gisagara ca Bujumbura honyene ariko ubu bamenyekanye mu makungu kandi umuziki wabo bakaba bazowugurisha hanze y’igihugu.

Umurwi Seraphim’s Songs rero ukaba usaba Reta ko yowufata mu mugongo kuko ibintu nk’ivyo bibatwara uburyo butari buke uhereye ku mpapuro z’inzira n’ibindi vyankenerwa mu gihe bamwe ari abanyeshure abandi akaba ata kazi bafise.

Twobamenyesha ko iryo higanwa ryabonetsemwo ingorane nyinshi bivuye ko umuririmvyi w’umunyamerika Chris Brown yari yatumiwe vyagoranye kugira ashike.


Grâce Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.