Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuziki w’Uburundi uragoye kugira umwuga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuziki w’Uburundi uragoye kugira umwuga

Umuziki w’Uburundi uragoye kugira umwuga

dimanche 27 Gitugutu 2013

Alexis Bigman, Jd Pro na M John bagize umurwi King K Black, batoranye mu mwaka wa 2008 ari naho bagira uwo murwi. Baracari bato ariko barizi umuziki cane, no mu ndirimbo bamaze gukora, harimwo ubutumwa butomoye. Ubwo buri nko mu ndirimbo”Tuzoyarira”, ”Ndagusavye Umbabarire”,n “Amarira y’abana”. Amasanamu y’indirimbo “Indoto” araja ku mugaragaro vuba, niko babibwiye ikinyamakuru IGIHE.

Iyo misore , imenyesha ko umuziki w’Uburundi ufise ingorane zitari nke kugira uter’imbere wongere uteze imbere umuririmvyi. Biragoye kuwugira umwuga. Kugira indirimbo itegurwe, isohoke bisaba uburyo bwinshi n’umwanya munini, uwo mwanya ukerwa no mu gukora ibindi vyotunga umuntu. Kugira isanamu izisohoke bisaba kandi amahera atari make. Alexis Bigmana yemeza ko bitokunda ko yibeshaho kubera umuziki wonyene kandi kwatumva yo wuheba, kuko n’amahera aronse mu bindi asanzwe akora, asubira kuyakoresha mu gutegura umuziki kandi nawo wategerezwa kumusahiriza.

Basaba Leta ko yobafasha mu kureka ama karaoke agasubira kuba kuko yarafasha cane, bibaza kandi kw’ ivyuma vy’umuziki bitozwa amakori menshi kuko bene arya mazu basohoreramwo imiziki, azimba abaririmvyi. Umuziki w’Uburuni bemeza kugoye kugira umwuga kuri bamwe bamwe, kuko hariho benshi bateye imbere cane kubera wo.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.