Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwaka Mushasha na Pop-G - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umwaka Mushasha na Pop-G

Umwaka Mushasha na Pop-G

lundi 25 Munyonyo 2013

Umwe mu bagize umurwi Wanaves Kikosi agira afashanye n’abakunzi biwe gusezera uyu mwaka, yongere abipfurize umwaka mushasha wa 2014.

Hazoba ari mu giteramo c’akabirya gitegekanijwe kuzoba imisi itatu inyuma y’umunsi isi ihimbaza ivuka rya Yezu, n’igenekerezo rya 22 Kigarama 2013. Hazoba ari muri Kany Empire canke Kanyosha City kw’Itaba kwa Vyisi, igihe c’isaha icenda z’umuhingamo(15h00). N’igiteramo Pop-G yise "Umwaka Mushasha". Ntagiye rero kuzotamba yirorera, k’urutonde afise abasasira giteramo nka: Black G amaze iminsi akora bidasanze, Miss Nono, Estababy w’i Gitega, Emery Sun, Jokas, tutibagiye Sat-B basanzwe basangiye umurwi wa Wanaves Kikosi, eka n’abandi. Dj Bosco ntazohara mu buhinga bw’ivyuma.

Uwo rero ari kumwe na Snoop G hamwe na Sat-b mu murwi Wanavesi Kikosi, asanzwe aririmba naho aba ari wenyene kuko umurwi urabibarekurira. Mu murwi bamaze gukora indirimbo zitari nke, akarorero n’indirimbo nka “twende kazi”, “hari kare”, “Baragowe”, hari n’iyindi izobica bigacika iriko irahera gukorwa bise “Bangaya imbaga nkabagaya intege”, iyo irashobora kuzoba yaheze, ikavuzwa kuri uwo munsi. Ari wenyene, Pop-g aramaze gukora indirimbo zirenga 10, n’izindi yakoranye n’abandi(featuring) zirenga 20.

Ururirimbo rwiwe ruri mu mudiho wa Rap:”birashika” rwaratwaye ikibanza ca gatatu mu karere k’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko, benshi barayibonye ica kenshi ku mboneshakure “Citizen”yo muri Kenya. Mu ntango z’uwo mwaka ugira utangure w’2014, indirimbo zishika 10 zo mu mudiho wa Rap zizosohoka ku bwiwe. Mu gihe imirwi ikarirwa n’ugusambuka, Wanavesi kikosi wowo uguma ushinga imizi, kuko vuba biteze kugirana amasezerano yo gukorana na rya shirahamwe rirongowe na Dj Jackson aba mu gihugu ca Suede ari ryo “BukivLab”. Iryo rero risanzwe rifasha umwe muri bo Sat-B

Ibijanye n’ico giteramo, tuzobanya tubabwira integuro zaco.

Aho munsi murakwirikirana ururirimbo “Birashika” rwambitse agateka Pop-G mu kubica bigacika mu karere ka afrika y’Ubuseruko eka no mu makungu


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.