Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukurikirane « Hanyuma y’ivyo » rwa Bamboneyeho John rugiye kuja (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Urukurikirane « Hanyuma y’ivyo » rwa Bamboneyeho John rugiye kuja (...)

Urukurikirane « Hanyuma y’ivyo » rwa Bamboneyeho John rugiye kuja ahabona

vendredi 23 Myandagaro 2013

Bamboneyeho John ni umuririmvyi aririmba indirimbo zihimbaza Imana, akaba amenyesha ko mu nyuma y’amageragezwa menshi yahuye nayo mu bijanye n’ico gikorwa agiye gushira ku mugaragaro, urukurikirane rwiwe rwa mbere rwitwa « Hanyuma y’ivyo » bisiguye ko hanyuma y’ibibazo imbere ari inyishu y’Imana, umuntu wese akwiye kwibuka gushima.

Bamboneyeho John yatanguye kuririmba afise imyaka 16 y’amavuko. Mu mwaka wa 2002 yinjiye mu murwi w’abaririmvyi Shemeza Music, munyuma arawuvamwo aca aja kuririmba mu witwa «True in one ». Ubu ni umuririmvyi ku giti ciwe, imvo zagiye zituma ava muri iyo mirwi, avuga ko ari intahe ndende azoshinga mu nyuma, amaze gushira ku mugaragaro uru rukurikirane rwiwe.

John Bamboneyeho abandanya avuga ko iyo aravye aho yavuye, agaca araba aho ageze ubu, vyose abona ari inyishu y’Imana. Avuga ko kuva kera yahora yipfuza ukwo yoshobora kuronka indirimbo yiwe bwite, kuko we yokora akazi ko gufasha abandi canke imirwi mu ndirimbo, ubu rero akaba ashima Imana kuba amaze gukora indirimbo zitatu, kandi akaba agiye ndetse no gushira ku mugaragaro urukurikirane rw’indirimbo.

Urwo rukurikirane ruzoja ahabona mu kwezi kwa Nyakanga, kuko ubu indirimbo ziwe zija zaramaze gushika mu buhinyanyuriro, ndetse akaba yiteze ko igikorwa kizogenda neza.


Joel Sengurebe

Messages

  • bamboneyeho john ndakuramukije amahoro yimana imana ikujimbere. kandi uzewame usenga gusenga gutuma inzitiro zikuzimu zisenyuka imana igaca uguhezagira jewe nita ngendahayo vivard nkabamba ahamur asiatiqe nashako twoyaga ijoryimana turikumwe wohindura vyishi mubuzima bwanje ndakwipfurije ibihe bamboneyeho john ndakuramukije amahoro yimana imana ikujimbere. kandi uzewame usenga gusenga gutuma inzitiro zikuzimu zisenyuka imana igaca uguhezagira jewe nita ngendahayo vivard nkabamba ahamur asiatiqe nashako twoyaga ijoryimana turikumwe wohindura vyishi mubuzima bwanje ndakwipfurije ibihe vyiza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.