Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ururirimbo rushasha rwa Franck G80 rwakozwe na"African Sound (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ururirimbo rushasha rwa Franck G80 rwakozwe na"African Sound (...)

Ururirimbo rushasha rwa Franck G80 rwakozwe na"African Sound Records"

vendredi 9 Rusama 2014

Inzu ihinyanyura imiziki "African Sounds Records"iriko ikorana cane n’abaririmvyi b’Abarundi. Mu gukorana bamwe bagirirano amasezerano, ikanabafasha gutegura ibiteramo. Eka n’umuririmvyi Franck G80 yaraye akorewe ururirimbo n’iyo nzu.

Ururirimbo rushasha " Ibicuro" rw’umuririmvyi Franck G80 rwaraye rusohokeye mu nzu ihinyanyura amajwi n’amasanamu"African Sound Records". Urwo ruririmbo ruri mu rukwirikirane rw’indirimbo nyinshi iyo nzu imaze kugirana na bamwe mu bihangange vy’umuziki w’Uburundi.

Kuva iyo nzu yuguruye imiryango yagiranye amasezerano n’abaririmvyi bakomakomeye, aha tuvuga nka Sat-b, ba Emery Sun, Black G, Patient Matabaro, Happy Famba, eka n’abandi batari bake. "African Sound Records" si kugirana amasezerano gusa n’abaririmvyi, turabona ibafasha no gutegura igiteramo. Aha tuvuga nk’ikigiteramo kizobera ahitwa "Le Cercle Casino"ejo aho bukera.

Twarababwiye ko muri ico giteramo hazosohoka isanamu y’ururirimbo "jigijigi we"rwa Happy Famba. N’umurwi wa Lion Story urafitaniye amasezerano n’iyo nzu, n’amasanamu y’ururirimbo "Imbabazi" ariko arakorerwa muri "African Sound Records", si ivyo gusa n’igiteramo c’uwo murwi ku munsi wo kwibuka Bob Marley kiriko gitegurwa n’iyo nzu.

Ego hari inzu nyinshi (studios)ziriko zikora kugira umuziki n’abaririmvyi b’i Burundi batere imbere, aha turavuga nka Ikoh Multiservice n’izindi, bamwe rero baribaza igituma batoshiramwo n’abaririmvyi batarashika kure mu muziki ko bafise intumbero nziza nk’iyo? Ico kibazo tugiye kuzokibaha inyishu yaco vuba.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.