Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’ibihangange 10 vyankwa kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Urutonde rw’ibihangange 10 vyankwa kw’isi

Urutonde rw’ibihangange 10 vyankwa kw’isi

mercredi 10 Mukakaro 2013

Ikinyamakuru Star Magazine co muri Leta zunze ubumwe za Amerika carashize ahagaragara urutonde vy’ibihangange 10 vyanswe kurusha abandi bose kw’isi muri uyu mwaka wa 2013.

Kuri urwo rutonde rw’ibihangange cumi vyanswe kuruta abandi mu mwaka w’2013, duhereye hejuru tumanuka hasi, ni ukuvuga kuva kuwa nyuma tuja kuwa mbere.

10. Kris Jenner : Ni umwe mu bagize umuryango wa Kim Kardashian akaba yaje kuri uyu mwanya azira kuba ari we yakwiragije ireresi y’ibikozasoni ya Kim Kardashian n’umusore witwa Ray J.

9. Anne Hathaway : Ni umukinyi yavutse kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 1982, kugeza mu mwaka uheze yarakundwa, nta kibazo na gito yari afitaniye. Inyuma y’aho aherukira gutahukana igikombe ca Oscar abikesheje ireresi " Les Miserables" , abantu batanguye kumwanka mu buryo atamenye.

8. Justin Bieber : uyu muririmvyi akunzwe na miliyoni zitoharurwa z’abakunzi biwe kw’isi. Gusa uku gukundwa kwiwe kwagiye guhindurwa n’amakosa amwe n’amwe uyu muririmvyi akunda gukora haba aho aba, mu bunywero. Bamwagiriza kwirata, kutumvikana na bagenzi biwe, kurwana n’abakunzi biwe, gukubita abafata amasanamu, kwambara nabi… Ibi vyose vyagiye bituma abantu bamwanka kugeza aho aza mu bihangange 10 vyankwa kw’isi.

7. Madonna : Kuba Madona yaje kuri uru rutonde ni ukubera ahanini ikibazo yaginanye n’uburongozi bukuru bw’igihugu ca Malawi, aho yakoresheje nabi inguvu ziwe n’ubushobozi bwiwe mu gufasha abana b’impfuvyi muri iki gihugu. Mu minsi aheruka kuja muri Malawi, Madonna yashamiranye n’umukuru w’ico gihugu, bizana insaku nyinshi kw’isi hose, ari na vyo vyamutumye atangura kwankwa. Si ivyo gusa, ahubwo n’ukuntu yambara bimutera kutumvikana n’abakunzi biwe yiwe. Yitwara mu buryo butamuhesha agaciro nk’umugore mukuru yarakwiye kubera abandi akarorero.

6. Matt Lauer : Ni umumenyeshamakuru akomeye w’imboneshakure ya NBC yo muri America. Uyu mugabo yavutse mu mwaka w’1957. Yagiye yerekana ibikorwa bibi kugeza naho bagenzi biwe bakorana kuri iyo mboneshakure nabo bamwanka. Mu kwezi guheze, yagiranye ibibazo na mugenzi wiwe yitwa Savannah Guthrie batukana ibitutsi vyerekeza ku bavyeyi, ivyo bakaba babigize abantu bose babaraba mu kiganiro.

5. Katherine Heigl : Yatanguye kumenyekana ari umumenyeshamakuru ku mboneshakure zitandukanye. Inyuma y’aho yaje kubivamwo ahitamwo gukina amareresi. Ivyo yahisemwo ntivyomubereye vyiza kuko yagiye akoramwo amakosa yagiye aramwankanisha n’abantu buhoro buhoro.

4. John Mayer : Uyu ni umuririmvyi akomeye mu mudiho wa Rock, akaba umuhinyanyuzi, umwanditsi w’indirimbo. Yagiye akundana n’abigeme batandukanye harimwo Jennifer Aniston, Minka Kelly, Taylor Swift, Jessica Simpson n’abandi. Icababaje benshi n’uko inyuma yo gutandukana n’abo bakobwa yagiye avuga uburyo bahora bakorana imibonano mpuzabitsina, akavuga uburyo umukobwa wese yamushimishije, uwutamunezereje, akanenge umwe wese afise ku mubiri n’ibindi. Ivyo vyatumye benshi kw’isi bamwanka, na cane cane ko yabitangaza ku bimenyeshamakuru.

3. Jennifer Lopez : Uyu muririmvyi benshi baramwanka ndetse mu matora yakozwe hashakishwa ivyamamare vyanzwe Jennifer yagize amanota menshi bigaragaza ko yoba akora ibintu bitishimirwa na benshi. Kwankwa kwiwe vyiyongereye mu nyuma yo gutandukana na Marc Anthony.

2. Kristen Stewart : Ni umukinyi w’amareresi akaba yaranswe cane kuva aho yabesheye umusore bakundana yitwa Robert Pattinson ko ari we akunda wenyene kw’isi yamara yifitiye uwundi mugabo bakundana, ndetse banasezenanye vyemewe n’amategeko.

1. Gwyneth Paltrow : Benshi bamwita Gwynnie, canke Fish Sticks. Ni umukinnyi w’amareresi. Yagiye arerekana umutima mubi cane cane aho yafata abana biwe akababuza kurya bimwe mu biribwa bakunda birimwo nk’imikate n’ivyamwa. Ivyo vyongereje urwanko mu bantu, ndetse aza ku mwanya wa mbere kubera amakosa atandukanye akora, yerekana umutima mubi afise.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.