Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rw’i Gitega rugiye kwigishwa umuziki w’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Urwaruka rw’i Gitega rugiye kwigishwa umuziki w’Uburundi

Urwaruka rw’i Gitega rugiye kwigishwa umuziki w’Uburundi

jeudi 26 Ruheshi 2014

Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rugiye kumara amezi 2 ruriko ruhabwa inyigisho zo kwongera gusubiza akanovera umuziki w’Uburundi. Ivyigwa vyerekeye umuziki wa kama k’Abarundi biri ku rutonde. Inyigisho zizotangwa n’ikigo cigisha umuziki c’i Gitega.

Kuva kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro, ikigo cigisha ibijanye n’umuziki c’i Gitega (Institut de Musicologie de Gitega) kizotangura gutanga inyigisho ku rwaruka zerekeye gusubiza akanovera umuziki kavukire w’Uburundi. Ivyigwa bizotangwa na Musenyeri Justin Baransananikiye. Urwo rwaruka ruzoronswa inyigisho ku bijanye n’ibicurarangisho kavukire nk’imiduri, inanga, amakembe, indonongo. Bazokwiga kandi uko imidiho canke uko amajwi yokoreshwa bivanye n’ubwoko bw’imvyino canke indirimbo za kera cane zisa n’iziriko zirazimangana mu Burundi, aha Musenyeri akavuga amajwi yakoreshwa mu mvyino z’akazehe, ibicuba, ibihozo n’ibitito.
Musenyeri azokwigisha n’uburyo umuziki wa kama k’Uburundi ushobora kuvangwa n’umuziki mvamakungu hakavuka ubundi bwoko bw’umuziki.

Amakuru duhabwa na Musenyeri Justin Baransananikiye amenyesha ko inyigisho zizomara amezi 2, zizotangigwa mu kigo c’abafaransa c’i Gitega "Alliance". Musenyeri Justin Baransananikiye asaba intererano uko iri kwose kugira igikorwa yatanguje kibandanye ata gahonzi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Kaze Rwaruka rw’i Gitega, tubahe ku buhinga bwo kunagura Umuziki wacu w’Uburundi nk’uko twari twaratanguye kubikora kera tugishinga ORCHESTRE NATIONAL YA MBERE Y’UBURUNDI mu 1977. Twifuza kubashigikira mu mwuga wanyu mu kubereka ubuhinga nyabwo bwotuma muzamura kandi mugaha akanovera nyako Umuziki w’Igihugu cacu, kuko uhakwa kuzohava uzimangana, ni tutahagurukira rimwe ngo tuwubogore.
    Nk’uko twabimenyesheje, abifuza gushigikira INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA muri ico gikorwa yiyemeje gukora, borungika intererano zabo uko zoba zingana kwose kuri ya compte twababwira:
    MUTEC GITEGA
    Mgr. Justin BARANSANANIKIYE
    Directeur de l’INSTITUT DE MUSICOLOGIE
    COMPTE No: 3004 40753901 78
    Mention: Soutien pour la formation des Musiciens du Burundi.

    Muce mubitumenyesha haba kw’itelefone: 79 877 097 canke kuri email: jbaransananikiye@yahoo.fr
    Murakoze.

  • nimvyiza cane turabishima kandindizeye yuko beshi bazobishima cane kuko IGITEGA dufise igabirano nyishi cane mumakugu no muburundi

  • Gitega tsimbatara turabashigikiye natwe abomuzindintara zi Burundi tuzozaturaza kurahura ubwenge bujanye nakaranga kububurundi hiyo, komera turabakunda.

  • Uburyo nibwadushobokera kuronka, Urwaruka rwo mu zindi ntara narwo nyene tuzorushoboza kuronka ibi vyigwa. Turafise umugambi wo kuzotunganya ibi vyigwa nyene vyo kunagura Umuziki w’Uburundi mu bice bitandukanye vy’Igihugu kuko bose bitoborohera kwama baza i Gitega. Murihangane gushika bikunze. Mwese muri bana b’Uburundi, tubakunda co kimwe kandi tuzobakorera.

  • Mgr. Justin Baransananiye mbamvuze ngw’Imana iguhezagire none isanzwe yaraguhezagiye, ariko ndavuz’ati ikomeze kubananawe imisiyose yokubakokwawe. Asantene sana baba Askofu Justin Barasananiye. Mama.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.