Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zoe Régis : Indirimbo zanje zivugwako vyinshi kubera ntabaza" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Zoe Régis : Indirimbo zanje zivugwako vyinshi kubera ntabaza"

Zoe Régis : Indirimbo zanje zivugwako vyinshi kubera ntabaza"

vendredi 13 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyi Zoe Regis amaze imyaka itari mike aririmba cane indirimbo zitanga ubutumwa ku buzima bw’igihugu, haba ku barundi canke abanyamahanga. Abona ko Abarundi bashobora guhinduka biciye mu butumwa atanga mu ndirimbo. Ururirimbo rwiwe ruriko ruvugwako vyinshi. Kurikirana ikiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE.

IGIHE : Turabaramukije muririmvyi Régis

Régis : Urakoze, nanje ndabahe mwaramutse mumenyeshamakuru

IGIHE : Kubatakuzi wobabwira amazina yanyu yose

Regis: Eeh bon, jewe amazina yanje yose abavyeyi banyise Régis BARIGUME, ntanguye umuziki abagenzi banje banyita BIG, mu nyuma nitwa Zoe Saint Régis. Ego nuko!

IGIHE : Régis wotubwira aho ugejeje inzira yawe y’umuziki?

Régis : Urakoze ku kibazo, inzira yanje y’umuziki ni ndende ndayimazemwo imyaka 16

IGIHE : Ni ryari wasohora ururirimbo rwa mbere?

Régis : Ururirimbo rwanje rwa mbere rwasohotse ndi muri 5eme Primaire, ico gihe navuza mu mudiho wa Rap. Uwo nawo ntawawutahura, muri make ntivyari vyoroshe.

IGIHE : Urarwibuka?

Régis : Hahaah, kitwa "Burundi bw’Imana"

IGIHE : Wahavuye umenyekana gute hamwe n’umudiho wa Rap?

Régis : Twatanguriye muri Quartier n’abana twabana twigana abanyamerika, amaradiyo nka "Mwizero" (Bonesha y’ubu) akadufasha.

IGIHE : Vyabandanije gute?

Régis : Nahavuye nkora jenyene aho zimwe mu ndirimbo zamenyekanye cane

IGIHE : Izo nazo ni izahe?

Régis : "Isengesho, One Love" nta Album ndakora ariko ukuntu nagiye ndazikora zifise urukurikirane ariko atari Album. Nshaka kuzishira ku CD imwe ivyo bita "Mixtape" bitamenyerewe ino. Ariko ndamaze gusohora ama video :" Isengesho, Freestyle, Igihendabaja hamwe na Truth" izosohoka vuba.

IGIHE : Ni hehe ukura ivyiyumviro uririmba?

Régis : Ivyumviro ndabikura aho mbaye, ivyo mbayemwo, uko mbona ubuzima bw’abandi, uko igihugu gitunganijwe, eka ivyiyumviro ndabikura henshi. Ikindi n’uko ndirimba ntabaza kubera ivyo mbona

IGIHE : Régis ururirimbo wise "Uburundi ni igihugu si ikibuga" ruriko ruvugwako vyinshi, wotubwira ubutumwa burimwo?

Régis: Urakoze kuri ico kibazo, rurya ruririmbo narusohoye kubera hari ibintu vyinshi bibi biriko birakorwa mu Burundi.

IGIHE : Ivyo uvuga bibi ni ibihe?

Régis : Ni vyinshi raba nk’uku, amashuri yarataye akanovera, ibibazo vy’ubwoko vyagarutse, CNTB idatunganiriza bose, ibiturire, ibwirizwa shingiro rishobora kurengwa, n’ibindi

IGIHE : Woba uri mu mugambwe?

Régis : Eka namba

IGIHE : Intwaro zohinduka wohindura uko uririmba?

Régis : Eka kuko sindirimbira ubutegetsi nk’uko atabwo ntuka

IGIHE : Mbega umuririmvyi yoba umunyeporitike?

Régis : Eka umuririmvyi abaye umunyeporitike ntaba agishobora kuririmba yisanzuye kuko aca aririmbira umugambwe arimwo,

IGIHE : Woba warigeze guterwa ubwoba kubera rurya ruririmbo?

Régis : Eka gushika ubu ntavyo ndabona ariko sinovuga ko umutekano ukwiye kandi hari ubwicanyi hirya no hino, hari inzara n’ubukene, hari abadahuza kubera ibi canke biriya.

IGIHE : Abakunzi bawe bitege iki?

Régis : Bitege isanamu y’ururirimbo "Truth" hamwe n’igiteramo twogirana na benewacu bahunze nk’uko twari twateguye kuririmbana na Mkombozi.

IGIHE : Turagushimiye Zoe Saint Régis

Zoe Régis : Urakoze ariko nije ndagushimiye

Umviriza "Freestyle" na Zoe Regis


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.