IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Afrika y’epfo: Amafaranga yose yavuye mu giteramo ca Justin Bieber (...)

Afrika y’epfo: Amafaranga yose yavuye mu giteramo ca Justin Bieber yaribwe

mardi 14 Rusama 2013

Mw’ijoro ryo kuw’Imana rishira kuwa mbere w’igenekerezo rya 13 Rusama 2013, niho Justin Bieber yakoreye igiteramo muri Afrika y’epfo. Amafaranga yose yavuye muri ico giteramo abasuma barayivye ntibasigaza n’ikingorongoro na kimwe.

Nk’uko ubu vyatangajwe na “Dailymail”, abo basuma bivye aya amafaranga baciye munsi y’agataka mu nyuma y’amasaha makeyi Justin Bieber amaze kuririmbira muri FNB (Football stadium) iri mu gisagara ca Johannesburg. Vyaje kumenyekana ko amafaranga yose yavuye mu kudandaza amatike n’ibindi vyose vyagurishijwe kuri uwo munsi yibwe n’abasuma bataramenyekana kugeza ubu.

Abo basuma badasanzwe batangaje isi yose kuko bari bamaze iminsi itatu imbere y’uko iki gitaramo kiba bimba umwobo munini cane wabagejeje muri ico cumba cari kibitsemwo ayo mafaranga yose.

Ayo mafaranga yose yari yatanzwe n’abantu bagera ku bihumbi 94 bari bitabiriye ico giteramo. Mu bisanzwe iyo stade yakira abantu 94 000 mu myanya yicarwamo gusa utabahagaze.
Kuri uwo munsi w’igiteramo ca Justin Bieber, abantu bari bakubise buruzura. Amafaranga barishe yose aba basuma barayasahuye ku buryo kugeza ubu ata muntu azi ingene ayo mahera yagiye.

Kugeza ubu igipolisi co muri ico gisagara kiracarondera amakanda y’abo basuma, naho amahirwe yo kubafata ni make cane . Ntamuntu n’umwe babashije kubona. ndetse na camera zifata amashusho y’ibibera muri ico cumba bari bazimenaguye ku buryo ata muntu ashobora kumenya icerekezo canke isura yabo.

Twibutse ko muri iyi stade ariho hakiniwe inkino z’igikombe c’isi mu mwaka w’2010.
Ico giteramo ca Justin Bieber cagenze neza cane uretse iki kibazo c’ubusuma caje kuzamwo mu nyuma. Justin yatangaje abakunzi biwe, aho yari kumwe na nyina kuri stage, maze amuririmbira indirimbo yitwa” One Less Lonely Girl “ na cane cane ko ico giteramo cahuriranye n’umusi mukuru w’abakenyezi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.