IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Justin Bieber ngo yoba yahemukiye Selena Gomez

Justin Bieber ngo yoba yahemukiye Selena Gomez

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Justin Bieber yoba yahemukiye umukunzi wiwe Selena Gomez kuri Rihanna, ivyo rero ngo bikaba arivyo bishobora kuba vyatumye batandukana, nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru c’abanyamerika Life &Style.

Vyari bimaze igihe bivugwa ko Justin Bieber yoba afise imigenderanire n’umuririmvyi Rihanna. Muri iyi minsi rero ngo inyuma y’amezi atatu Jusin Bieber avanye na Selena Gomez, ngo yoba yarashoboye kugirana imibonano na Rihanna , uwo nawe akaba amusumba imyaka 6.

Nk’uko ico kinyamakuru kibandanya kubivuga ngo iyo mimenyerano iri hagati ya Justin na Rihanna yoba ariyo ntandaro yo gutandukana kwa Selena na Justin

Amakuru atangwa n’abegereye Selena Gomez ngo avuga ko Justin yoba yaragize imibonano mpuza bitsina na Rihanna mu kwezi kwa Ruhuhuma 2011, mugihe hari umupira wa NBA, kandi muri ico gihe yari amaze gukundana na Selena .

Ngo birababaje cane kuko ivyo vyashitse mugihe Justin Bieber na Selena baribageze kuntambwe yo gukundana kuko bari bamaze amezi bagendana.

Ariko rero ayo makuru ariyamirizwa na Justin na Rihanna babicishije ku bavugizi babo. Ngo ivyobavuga vyose ni ikinyoma cambaye ubusa.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.