Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaramaza Justin Bieber yagiriye se kuri yubire y’amavuko yiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Akamaramaza Justin Bieber yagiriye se kuri yubire y’amavuko yiwe

Akamaramaza Justin Bieber yagiriye se kuri yubire y’amavuko yiwe

samedi 7 Ruheshi 2014

Jeremy Bieber umuvyeyi w’umuririmvyi Justin Bieber ariko ahimbaza imyaka 39 y’amavuka, Justin Bieber yamugiriye ibitangaza imbere y’abana batoyi biwe. Bamwe bati nukwereka indero mbi batoya biwe, abandi bati : "Ivyo bito?".

Aho Jeremy Bieber yariko ahimbaza imyaka 39 y’amavuka, umuhungu wiwe Justin Bieber yahengereye se ahejeje kuzimya ama "bougies", agira amanyure "gateau" aca ayimutamwo imwuzura mu maso. Ivyo yabigize abatumire isinzi bakinje, imbere y’abana batoya biwe Jaxon na Jazymin.

Amakuru duhabwa n’ikinyamakuru 7sur7 amenyesha ko umwe muri batoya ba Justin Bieber yaciye abisubiramwo, ni ukuvuga ko nawe yashatse kugira nk’uko mukuru we yagize se wiwe.

Abamenyereye amakosa akorwa na Justin Bieber bavuga ko ivyo vyofatwa nk’ibisanzwe kubera uwo muririmvyi yigeze n’ugusabirwa kwirukanwa ku butaka bwa Reta Zunzubumwe z’Amerika kubera amakosa menshi akora.

Raba hano munsi uko vyagenze :


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Oya s-akamaramaza na gato. Ivyo muri Canada n’ibintu bisanzwe cane, kandi ntawe bitesha agaciro.
    N’umuco udahuye n’uwacu, kandi si mubi canke mwiza (pas de jugement de valeur SVP). N’uwabo. Point.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.