IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Impanuro baha Justin Bieber zica inyuma y’amatwi

Impanuro baha Justin Bieber zica inyuma y’amatwi

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Umuririmvyi Justin Bieber yasubiye kurwa mu minwe y’abajejwe umutekano, ikosa yatawemwo n’umwe mu bamugendanira yashikuye ku nguvu icuma gifata amasanamu. Ico cuma bagifatiye mu nzu y’uwo muririmvyi.

Mu gihe yariko atembera kugira afate akaruhuko, bamwe bafata amasanamu binyegeje "Papparazi" yatswe icuma ciwe gifata amasanamu n’umwe mu bagendanira Justin Bieber. Uwo yaciye yatsa imodoka arigira. Umwe yaja gufata amasanamu yitura abajejwe umutekano, baca bagenda aho Justin Bieber aba basanga umwe yamwiba niho yahungiye. Abajejwe umutekano baciye bafata umudereva w’iyo modoka n’uwo agendanira Justin baca bagirwa n’icaha c’ubusuma.

Nk’uko ikinyamakuru TMZ kibandanya kibimenyesha, uwo muririmvyi ubu apanze inzu y’umuririmvyi Dallas Austin iri i Atlanta. Asanzwe atabana neza n’ababanyi biwe. Bamwagiriza kubana nabi kubera ahaze ibiyayuramutwe n’ibinyobwa bikaze aca adurumbanya ababa hafi yiwe, ari naco gituma basaba ko yokwimukira ahandi. Ababanyi biwe bavuga ko aje kubabuza amahoro. Mwomenya ko abanyagihugu baba hafi y’uwo muririmvyi bigeze kwandikira umukuru w’igihugu Barack Obama ngo abakurireho uwo musore w’imyaka 20.

Abantu benshi bo muri ico gihugu, uri abaririmvyi, uri abagenzi biwe eka n’umutambukanyi wa Barack, Michelle Obama ntako batakoze kugira bahanure Justin Bieber ariko ivyo bavuga bica inyuma y’amatwi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.