IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Obama yanse kwirukana umuririmvyi Justin Bieber ku butaka bwa (...)

Obama yanse kwirukana umuririmvyi Justin Bieber ku butaka bwa Amerika

lundi 21 Ndamukiza 2014

Abanyagihugu batari bake bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika baheruka kurungikira urwandiko umukuru w’igihugu Barack Obama bamusaba kwirukana umuririmvyi Justin Bieber. Obama yaraye yishuye ko adashobora kwirukana uwo musore naho afise amakosa atagira uko angana.

Urwandiko rwashizweko umukono n’abanyagihugu bagera 275.000 rwarungikiwe umukuru w’igihugu Barack Obama bamusaba kwirukana umusore Justin Bieber ku butaka bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Uwo atariko arabwa ryiza n’ababanyi biwe yagirizwa kuba akubagana cane, arwana, asambura, akanywa n’ibiyayura mutwe birenze, akigisha indero mbi abana baba hafi yiwe. Iruhande y’ingorane yama agirana n’abajejwe umutekano bivuye kuri iyo nyifato, ivyo nivyo ababanyi biwe bamwagiriza.

Nk’uko bisanzwe biri mu mategeko agenga igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, iyo abantu bashika 100.000 bashize umukono ku rwandiko biyamiriza ikintu canke umuntu, umukuru w’igihugu ategerezwa kwishura ku rwandiko. Niko rero kwishura ko adashobora kwirukana Justin Bieber, naho amakosa afise arenze. Umwe mu bakora mu nzu Obama Barack akoreramwo yasiguye iyo ngingo uku gukwirikira. "Kubazi guharura, iyo agize igiteramo agurisha amatike angana imiriyaridi 12,5 canke igurishwa ringana imiriyaridi 100 vy’urukwirikirane rwa mbere rw’uwo muririmvyi". Basanze uwo muririmvyi yinjiza amahera menshi narirya Amerika ikeneye abantu bazana amahera yongereza ubutunzi mu gihugu.

Mwomenya ko Justi Bieber azorenguka kw’igenekerezo rya 05 Rusama 2014, aho azobazwa ibijanye n’ugutwara imidoka aborewe inzoga n’ibiyayura mutwe, n’uruhusha (Permis de Conduire) rwo kuyigendesha rwataye igihe.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Mwiriwe abi wacu.erega iriya niyo democracs yaba aho iwanyu muba mwaramufpunze canke mwaramwambuye ivye vyose canke mwamuhaye amasaha yokuba yagiye bidaciye no mubanyagihugu mwamusahuye nutwe ja mwiga mumenye uguserukira igihugu ico bimaze.buriya obama araba kure umuntu winjiza amahera mugihugu suwo kwirukana gusa nawe akwiye kuva mubwana bwe arakavya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.