Inyuma y’ururirimbo "Ibigambo", Yoya yashize ahabona ururirimbo "Kayitesi", ururirimbo si urwiwe bwite ariko yararusubiriyemwo, arushiramwo ibicurarangisho bigezweho.
Ururirimbo "Kayitesi" rwaririmbwe ubwa mbere n’umuririmvyi wa kera Afrika Nova, bikaba vyarabonetse neza ko Yoya arukunda kuko yahora arusubiramwo neza, kandi kenshi mu biteramo bita Karaoké, none ngurwo yarushize ahabona.
Umviriza aha munsi ururirimbo "Kayitesi" Yoya (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Yoya Jamal
Yoya Jamal
-
Yoya yashize ahabona ururirimbo rwa Nova akunze kuririmba muri Karaoké
19 Kigarama 2014 -
Amajambo ari mu ruririmbo "Sibomana" ya Yoya ni nkora mutima:Raba na Video
23 Mukakaro 2014Umuririmvyi Yoya yasohoye isanamu y’ururirimbo "Sibomana", isanamu iboneka ko yakorewe hagati mu gihugu. Ururirimbo ruvuga ibijanye n’imibereho y’abantu, aho abantu bashobora kugendana bagenzanya.
Isanamu y’ururirimbo "Sibomana" ikozwe mu buhinga buhanitse kandi biboneka ko yakorewe hagati mu gihugu. Amajambo ari mu ruririmbo ni nkora mutima, Yoya aririmba ibintu biba hagati mu kibano, aho abantu bagendana kandi bagenzanya, bakipfurizanya inabi, bakanka uwutera imbere, bakipfuza ikintu cose (...) -
Yoya ati: "Ico kintu umuntu yiyumvira ku wundi nico nise mot de Passe"
6 Ntwarante 2014Umuririmvyi Yoya aherutse gushira ku mugaragaro amasanamu meza y’ururirimbo "Mot de Passe".
Amasanamu y’ururirimbo "mot de pass" yakozwe n’umuhinyanyuzi Black Athur. Amajambo avugwa muri urwo ruririmbo naya akwirikira:
Uwo muririmvyi asigura uwo mutwe w’ururirimbo avugako ati:" Nanditse rurya ruririmbo kuko vyama bishika mu buzima bwa misi yose, muri kamere umuntu yama ashaka gushaka kumenya ico uwundi amwiyumvirako. Iyo umuntu akunda uwundi wewe n’ibindi, ico kintu umuntu yiyumvira ku wundi (...)