Yvan Muzika agira afate urugendo rumushikana mu gihugu c’Urwanda, intumbero ni iyo kwagura umuziki wiwe no gukorana n’abandi baririmvyi. Agiye asize indirimbo 2 zari zisigaye kugira urukurikirane rwuzure.
I Kigali, Yvan Muziki ashobora gukorana indirimbo n’abaririmvyi bagize umurwi ukomeye aho mu Rwanda no mu karere "Urban Boyz" hamwe n’abandi baririmvyi atashatse kuvuga. Yvan yahisemwo "Urban Boyz kuko bashatse gukorana igihe bahurira mu Bubirigi, Yvan avuga ko bitakunze yaciye afata (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Yvan Muziki
Yvan Muziki
-
Isanamu y’ururirimbo rushasha rwa Yvan Muzika ft Kaddy Gey yagiye ahabona "Kayenga Yenge"
29 December 2017, by Jean De Dieu -
Isanamu y’ururirimbo rushasha rwa Yvan Muzika yagiye ahabona "KABAKABA"
14 Ndamukiza 2017, par Jean de Dieu M. -
Yvan Muzika yemerera abakunzi biwe kuzobashika ku nyota
24 Munyonyo 2014 -
Isanamu y’ururirimbo rushasha rwa Yvan Muzika yagiye ahabona
29 Rusama 2014Isanamu y’ururirimbo "Nkumbuye umwiza"ya Yvan Muzika yagiye ahabona, tubibutse ko amajwi yakozwe n’umuhinyanyuzi Amili Pro, isanamu nayo yakozwe n’umuhinga Black Arthur akorera mu nzu "Akaga Videos".
Irabire aha munsi ubuhinga isanamu ikozwemwo -
Benshi bashaka kumenya umukobwa ari mu masanamu y’ururirimbo rwa Yvan Muzika
22 Rusama 2014Inyuma y’iminsi mikeyi avuye mu makungu, umuririmvyi Yvan Muzika yashitse akora ururirimbo . Amajwi yaraheze gukorwa, eka n’isanamu yaraheze, ariko hasohotse intangamarara y’amashusho (photo) azoboneka mw’isanamu.
Yvan Muzika amaze iminsi mikeyi avuye mu makungu, ntiyicaye canke aryame umukondorazosi. Vuba cane, yinjiye muri Afro Music, mu cumba gikoreramwo umuhinyayuzi Amili Pro, akorerayo ururirimbo "Nkumbuye umwiza". Inyuma yaho, yaciye agenda muri "Akaga Videos" kwa Black Arthur ahakorera (...) -
Umuririmvyi Yvan Muziki yaraye atahutse i Burundi, yahora he?
13 Ndamukiza 2014Abakunzi b’umuririmvyi Yvan Muziki bari bamaze igihe bamwe muri bo batazi iyo yagiye. Ariho kandi arakomeye, yari mu kazi kiwe ka minsi yose mu mahanga none yaraye atahutse mu Burundi.
Kwirikirana aha munsi ingene yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, mwumve n’ibibazo yishuye abamenyeshamakuru ku bijanye n’urugendo yahoramwo n’ivyo yarimwo.