Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Beyonce agiye gutanga imfashanyo mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Beyonce > Beyonce agiye gutanga imfashanyo mu Burundi

Beyonce agiye gutanga imfashanyo mu Burundi

lundi 3 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu mugambi "BEGOOD4BURUNDI" bisigura "tube beza kubw’Uburundi", Beyonce afadikanije na UNICEF, hazokubakwa ibigega vyinshi hongere hagwizwe amazi meza ku mashuri.

Uwo mugambi uje inyuma yaho ivyigwa vyerekanye ko mu Burundi abantu 2 kuri batanu (2/5) bataronka amazi meza. Ubwo bukene bw’amazi kandi meza bugaca bukwega indwara zifatira kw’isuku rike. Izo ndwara nyene zikaba ziri mu zica abana benshi mu Burundi. Ivyo vyigwa vya UNICEF bivuga ko umwana 1 kuri 12 bapfa batarashikana imyaka 12.

Beyonce ati : "Kuronka ni ntangere mu buzima bwa muntu. Iyo muhaye amazi meza abana, ntimuba mubahaye ubuzima gusa, muba mubahaye kandi amagara meza, indero, na kazoza gaca ibibatsi".

Arongera akavuga ko abantu bagera ku miriyoni 2 mu Burundi bamara iminota 30 barondera amazi, bigatuma abana basiba kw’ishuri, eka bigatuma abana b’abakobwa bafatwa ku nguvu kubera bagenda ibirometero vyinshi bayarondera.

Ivyo bikorwa vya Beyonce afadikanije na UNICEF bikazogabanya bimwe biboneka ubukene bw’amazi kandi meza mu Burundi. Amakuru dukura mu kinyamakuru africapostnews, avuga ko yaba Beyonce canke UNICEF batavuga amahera ico gikorwa kizotwara.

Tubibutse ko Beyonce ari umuririmvyikazi avuka mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika. Afise abana batatu barimwo amahasa, akaba yubakanye na Jay-Z, nawe nyene akaba ari umuririmvyi w’igihangange.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.