Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Elly’s Boy > Inkuru > Elly’s yavuye mu gacerere yari amazemwo ikiringo kinini
Elly’s yavuye mu gacerere yari amazemwo ikiringo kinini
samedi 4 novembre 2017
"Nikubembeleze" ni ururirimbo rushasha rwa Leonard yaramaze igihe kitari gito ariko arategura. Urwo ruririmbo rusohotse inyuma yaho abatari bake batanguriye kwibaza ibibazo kur’uwo muririmvyi.
Ivyo bitumwa n’uko mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’i 2017 yari yamenyesheje ko ariko yitegurira gusohora ururirimbo rumeze neza hamwe no gukora amwe mu masanamu y’indirimbo ziwe hamwe n’izo abakoranye n’abandi baririmvyi.

Turiko turondera uwo muririmvyi yamenyekanye cane mu ndirimbo nka "Siwezi" na "Me love U", ngo atange umuco ku coba catumumye amara hafi ikiringo c’umwaka ata ndirimbo canke ibiteramo abonekamwo.
Cherif NKESHIMANA