Plata Platini araririmba "Ikiyovyabwenge" akunda kuruta ibindi

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 12 juillet 2017 saa 02:14
Yasomwe : 4374
0 0

Mu ruririmbo rwiwe rushasha yise "IKIYAYURAMUTWE", Plata Platini avuga ko umukunzi wiwe ariwe kinyobwa comuyayura umutwe. Arongera kandi akavuga ko ata kindi kinyobwa comumara inyota kiretse uwo mukunzi wiwe.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, umuririmvyi Plata Platini yavuze ko benshi biyumvira ko yaririmvye urumogi canke inzoga zikaze. Umuzi w’ubutumwa yatanze muri urwo ruririmbo ushingiye ku rukundo, nk’uko uwo muririmvyi avyemeza. Ntashima kuvuga izina ry’uwo mukunzi wiwe ariko aremeza ko amushika ku mutima, ko amumara inyota, maze akaborerwa urukundo.

Ururirimbo "Ikiyayuramutwe" ruri mu rukurikirane rw’indirimbo yise "La différence est Jolie", rukaba rwakozwe n’abahinyayuzi benshi harimwo uwitwa Boubed.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Izindi nkuru wosoma

Izindi Nkuru - Plata Platini

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha