IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alfred & Bernard > inkuru > Alfred na Bernard bariteguriye neza SICA ariko haracari ikibazo (...)

Alfred na Bernard bariteguriye neza SICA ariko haracari ikibazo gikomeye

mardi 22 Gitugutu 2013

Abaririmvyi Alfred na Bernard bakunze gutazira “Nkunda abantu” baremesheje ikiganiro ku bamenyashamakuru . Bamenyesheje aho bagejeje imyiteguro yo kwitaba isabukuru SICA ryo muri Bénin. Imyiteguro araremvye ariko hariho intambamyi nyamukuru y’uburyo. Ukwizera niko bagenderako muri kino gihe isabukuru ryegereje.

JPEG - 108.8 ko
Alfred na Bernard

Abaririmvyi batowe ngo baserukire Uburundi mw’isabukuru SICA ryo mu gihugu ca Bénin ni Alfred na Bernard. Iyi misore ibiri batazira “Nkunda abantu”(ururirimbo rwabamenyekanishije) baremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri. Bamenyesheje ko imyimenyerezo yo kwitegura bayirembeje. Kukaba nkako, mw’itunganywa rishasha ry’isabukuru SICA(Star de l’Intégration de la Culture Africaine), abaririmvyi bategerejwe kuzovuza indirimbo mu buryo bumwe twita “live”. Alfred na Bernard nabo bagira bati: “Turiteguye neza kuririmba muri ubwo buryo”. Ndetse n’abacuraranzi bazobavugiriza basanzwe bari muri Bénin, imyiyiteguro yo kuvuza ururirimbo “Nkunda abantu” barayirembeje. Vyongeye, amasanamu asesutse y’indirimbo “Nkunda abantu” ariko arakorwa kuko kanatsinda urwo ruririmbo nirwo bazokwerekana muri SICA 2013 izoba igira iy’9. Iryo sabukuru bitegekanijwe ko rizoba kuma genekerezo ya 15 gushika 24 Munyonyo uyu mwaka

JPEG - 65.6 ko
Bernard na Alfred

N’ubwo imyiteguro mu vy’ubuhinga iteye ku ntambwe ishimishije, Alfred na Bernard bamenyesha ko basigaranye ingorane ikomeye cane y’uburyo. Aha baravuga ko aho bamaze kudodora hose atanyishu iraboneka kandi hasa n’ahageze kwitaba isabukuru. Ku ndwi zitatu zonyene imbere y’itangura ry’isabukuru SICA, ntibararonka itike y’indege, uburyo bwo kugura umwambaro mwiza w’ikirundi n’ibindi vya nkenerwa kugira bitabe iryo sabukuru. Urwo rugendo rukaba rubasaba amafaranga 4 134 y’amadorare y’abanyamerika. Ni ukuvuga amahera y’amarundi angana 6 367 000.

JPEG - 104.6 ko
Bernard Ndoreyicimpa

Mu gihe hari ico kibazo kikihari c’uburyo bubuze, Alfred na Bernard bo bafise icizere cuko ubwo buryo buzoboneka maze bagaserukira neza igihugu c’Uburundi nkuko bavyiteze cane kandi bavyiteguriye. Iyo misore ibiri batazira “Nkunda abantu” ikaba itera akamo umurundi wese yumva ashobora kugira ico abaterereye, kumvira umutima wiwe akabafasha. Yaba uwuri mu Burundi canke uwuri mu makungu. “Ntituzomaramaza igihugu cacu”, Alfred na Bernard akaba ariko baze.

Twobibutsa ko Alfred na Bernard bamaze guserukira Uburundi akatari gake mu makungu. Baraserukiye Uburundi mw’isabukuru “ N’Sangu Djidji” ry’abereye ahitwa Pointe Noire muri Congo Brazzaville(2009). Baramaze kwitaba incuro zibiri ihayanishwa ry’akaranga i Xian na Shangaï mu Bushinwa mu 2010 no mu 2011. Aho bakaba baratahukanye igashimwe mu 2010. Sivyo gusa, baramaze kuba aba mbere mw’ihiganwa East African Music Awards mu muce w’indirimbo ndangakaranga.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.