Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye > Indirimbo > Alida Baranyizigiye ntadohoka mu gukora ivyo yemereye Imana
Alida Baranyizigiye ntadohoka mu gukora ivyo yemereye Imana
vendredi 9 Nzero 2015
Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye ntaradohoka kw’ibanga yemeye ryo kuririmbira Imana, yasohoye ururirimbo mpimbazamana rugira kabiri ruvuga amashimwe.

Alida atangura aririmba ati : " Waravuze ko uzokwama hafi yanje, ndakwiteze Mwami wanje ngw’ino unkize. Ndakubonye ukundi gusha kuko ijambo ryawe ari iry’ukuri". Ayo majambo aririmbwa mu ruririmbo yaririmbanye n’uwitwa Jimmy yise "Amashimwe".
Haheze ikiringo c’ukwezi kumwe n’iminsi uwo muririmvyikazi afashe iyo ngingo none amaze gusohora indirimbo zibiri, harimwo n’iyi nshasha duhejeje kubabwira. N’aho biri uko, ntiturashobora kumuronka kugira atubwire imvo zamutumye ahindura, akaririmba indirimbo z’Imana kuko abaririmvyi bahindura gutyo bababafise impavu ibatumye.
Umviriza amajambo ari muririmbo"Amashimwe" rwa Alida Baranyizigiye
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Nzero 2015, 00:01, par dieudonne
ni nzima
10 Nzero 2015, 08:05, par patient
Jw nibaza ko uravye umuntu wear kuvyo acamwo arabona ibumuryohera ariko ugasanga amahoro yumutima ntagira Mayo nayo akava. Murine Yesu so Ntarembere mugakazi kiwe