IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > OP1 Nkurikiye Pierre > Inkuru > Atera imigere ibiri : Umuporisi n’umuririmvyi

Atera imigere ibiri : Umuporisi n’umuririmvyi

jeudi 9 Nzero 2014

Umwuga ni ikintu ndengambibe kidashobora kwinyegeza, aho umuntu yoba ari hose atabujijwe n’itegeko ntakibuza ko akora ibiri mu kamere kiwe. Kuba umuririmvyi ntibisaba ko woba ukora akazi aka canke kariya, gikuru n’uko woba ufise iyo ngabirano.
N’aho bitamenyerewe cane mu Burundi, mu nzego z’igiporisi harimwo abaririmvyi karuhariwe, bamaze kugera ku rugero rw’abandi baririmvyi.

Kuba ari mu nzego z’umutekano nk’umuporisi ntibimubuza gukora n’umwuga wo kuririmba. OP1 Nkurikiye Pierre azwi kw’izina ry’ubuhizi N-Peter, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, amenyeshako kuva akiri mu mashure matomato yari mu mirwi y’abaririmvyi bo mw’isengero kandi yamye abikunda. Uko yagiye yigira imbere mu buzima bwiwe yaguma afise muri we agatimandirimbo.

Abarundi bati : « ibigori vyerera igihe ntivyerera inzara ». Abo ntibabeshe. Aha nyene yinjiye mu rwego rw’igiporisi, N-Peter yarasuraguye mu mategeko ngenderwako y’urwo rwego asanga ntarimubuza gukora umwuga wiwe wo kuririmba. Muri «Kirimba art Studio» niho yinjiye ubwa mbere, mu nzu ikora umuziki. Indirimbo yiwe ya mbere ayita munsi y’ijuru, aho yatanga ubutumwa ku butungane bw’Uburundi. Peter Nkurikiye yahavuye yinjira no kwa« Kim France Studio» aho yahakoreye amajwi y’ururirimbo «Ndi imborerwa Pe!» Aho yariko avuga cane cane ku muco w’Abarundi wo gukunda urukanywa. Urwo ruririmbo rwarakunzwe cane, maze abantu barutorera irindi zina «Amabwirizwa 10 y’imborerwa. »

Hari imigani ya kera abantu b’ubu batagikoresha, ubu imigere ibiri iratereka kandi yose igashika, Nkurikiye ntiyagumije aho, akazi k’igiporisi n’ukuririmba abikora vyose. Indirimbo ziwe ziramaze kuja mu mahiganwa, “«imyaka 50 irarangiye»” yatwaye ikibanza ca gatatu. Igihe igiporisi cariko gihamagarira Abarundi kwinjira muri urwo rwego, Pierre Nkurikiye, yahora ari icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ati : "Reka nikore mu gahogo mfashe gutera akamo urwaruka kugira ruhurumbire urwo rwego”. Mu ruririmbo “ Cinjire” benshi baratahuye ko urwego rw’igiporisi rugenderwa.

Muti mbega none Nkurikiye aririmba mu mudiho uwa he? Amenyeshako imidiho yose ayishoboye, ariko bivana n’ubutumwa ashatse gutanga canke agakunda umudiho utanga isanamu y’igihugu ciwe. Ku bwiwe, abona ko umuziki w’Uburundi utaratora neza akaranga n’aho hari imirwi ndangakaranga n’abaririmvyi nka Steven Sogo bagerageza kugarukira akaranga, eka n’umurwi wa Lion Story asanzwe akunda cane urabikora neza.

Kubera afise indirimbo zirenga 150 zanditse, N-Peter avuga ko agiye kwiga uburyo bwo kwikorera indirimbo mu kuzishiramwo amajwi kuko amazu akora indirimbo azimvye.

Ku kibazo c’uko hari ibiteramo yoba aragirisha canke yoba yimirije kugirisha, yishuye neza ko naho atavyo aratangura kugirisha muri kazoza muzomubona ku ruhimbi «scene» ateramisha abantu.

Mu kurangiza, intwazangabo Nkurukiye Pierre (N-Peter) ahamagarira abaririmvyi kuja hamwe kugira batore umudiho w’i Burundi kandi, atera akamo abandi bari muri urwo rwego bafise muribo umwuga wo kuririmba ko batokwitinya, kuko ubutumwa buciye mu ndirimbo bushika kure.

Nkurikiye Pierre asanzwe ari n’umwanditsi, akaba n’umukinyi w’amareresi. Tuzobabwire ido ni do ry’ivyo yandika n’amareresi akina mu makuru yacu yo hanyuma.

Umviriza wongere wirabire ururirimbo «Cinjire» rwa OP1 Nkurukiye Pierre (N.Peter)


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Numva urwo ruririmbo "Cinjire" rwa Nkurikiye Pierre ataco rubaye. Urwego rw’igipolisi akorera, n’igisoda bishobotse, mbona vyokwiga ukuntu vyoteza indirimbo z’abantu babo babishoboye bakanazoza bararata ibikorwa bajejwe. Ubuhinga bwo kuja mu mahiganwa y’abaririmvyi canke kuja bagurisha indirimbo, vyogarukira mu Burundi. Ni naho abarundi twoja dukomeza akaranga n’umudiho bituranga.

  • Aba police bigihugucacu cu Burundi bafise ingabirenyishi kandizihimbaye, Rekandabasetse akakaririmbo kuyumu police wacu ndakavugije nisubiriza incuro zirenga zitanu (5) Nkuwondosa DVD yindirimboziwe nomushimira nubucuti bukiyongera cane,kukondiyindirimbo amajambo arimwo aratomoye ntasakuzirimwo ataruguha message abarundi nabarundikazi kwirukira kubungabunga umutekano wigihugucabo. Nanjenti: cinjire igi police musore mukobwa mugabo mukenyezi umutekanowigihugu namakungu urabakeneye.

  • Komera komera: Op1 Nkurikiye pierre ntwazangabo...nubuntu bikurage..ishaka ryiza ryogukorera Igihungu..Noguhanura abandi ukoresheje umuziki...nuhezagigwe...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.