IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chameleone > Chameleone yasize umugore wiwe n’uruyoya rwavutse aja kuba mu yindi (...)

Chameleone yasize umugore wiwe n’uruyoya rwavutse aja kuba mu yindi nzu

mardi 16 Mukakaro 2013

Amakuru amenyeshwa n’ ikinyamakuru Ugandapicks co mu gihugu Uganda avuga ko mu muco n’akaranga k’igihugu ca Uganda ariko bisanzwe bigenda. Iyo umugore yavyaye, umugabo ava mu rugo akaja kurondera ahandi hantu aba, kure y’umutambukanyi wiwe mu gihe c’iminsi ine.

Kuva kuwa gatanu w’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2013, Dr Josee Chameleone yafashe ingingo yo kwubahiriza umuco wo muri ico gihugu ca Uganda, maze asiga uruyoya bibarutse aja kurondera inzu abamwo wenyene. Mu mpera z’indwi iheze, niho Chameleone yabonetse ahitwa Kasensero ariko asangira inzoga na bagenzi biwe kw’ibarabara kuri rimwe mu mabarabara yo muri ako karere.

Abakunzi biwe bamubonye vyarabananiye kwihangana, baca batangura kumuvugiriza akaruru, abandi bagerageza kurondera uburyo bomwegera bamukoreko.
Bamwe mubari bazi amakuru y’uko umutambukanyi wa Chameleone yibarutse umwana batangajwe no kubona uyu mugabo yemeye gukurikiza ivy’umuco wo muri Uganda agasiga umugore, akaja kwinywera inzoga. Icatangaje kandi abantu n’uko bari bakeka ko ibihangange nka Chameleone bitubahiriza uwo muco ujanye no gusiga umugore mu rugo wenyene ngo ni uko yavyaye.

Abashoboye kuganira na Chameleone harimwo ibimenyeshamakuru bamubajije ivy’uyu mwana bibarutse n’umukenyezi wiwe. Yababwiye ko muri iyi minsi atari mu muhira kubera ibitaramo afise hirya no hino mu karere ka Rakai, ariko vyaraboneka ko ariko arababesha, ko ari ukwikurayo.

Twobamenyesha ko Daniella Atim, umugore wa Chameleone, yibarutse umukobwa kuwa kane w’indwi iheze, bamwita Amma Christian Mayanja. Uwo mwana yavukiye mu bitaro vya Paragon Hospital vyo gisagara ca Kampala


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.