Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris and Junior > Chris na Junior bagiye kugira amasezerano n’umugwizatunga w’umurundi
Chris na Junior bagiye kugira amasezerano n’umugwizatunga w’umurundi
jeudi 26 Ruheshi 2014
Abana karuhariwe mu muziki Chris na Junior baguma batera intambwe mu muziki. Hari amasezerano bashobora kuzogirana n’umugwizatunga w’umurundi.

Hariko havugwa amakuru ko abaririmvyi Chris Joel Niyotsinzi na Junior Juvenal Ninziza bashobora kugirana amasezerano n’umugwizatunga Siyoni. Nta mukono barashira kuri ayo masezerano, ariko ayo makuru aremezwa n’uwuriko afasha abo bana mw’iterambere ry’umuziki wabo. Ibijanye n’ibiri mu masezerano tugiye kuzobibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.
Mwomenya ko abana Chris na Junior batanguye kuririmba kuva mu mwaka w’2010, bageze ku ndirimbo 13 zabo, na 5 basubiriyemwo. Ikindi n’uko abo bana basigaye batumirwa mu biteramo bikomakomeye aho bahura n’abandi baririmvyi b’ibihangange. Ivyo vyose biriko bikorwa k’ubw’mugambi Paka Promotion ufise intumbero yo gufasha gutera imbere umuririmvyi afise aho ariko arigeza mu muziki.
Umviriza ururirimbo "Inzingwa" rumwe mu ndirimbo za Chris na Junior bakoranye na Magic Soldier na Dauphin
Cherif Nkeshimana
Messages
26 Ruheshi 2014, 12:58, par vyizigiro paul
komera mutere muja imbere bibondo turabashigikiye murivyo bikorwa vyiza vyanyu.courage
5 Ndamukiza 2016, 16:36, par Patrick Isahack
Nivyiza Tweseturabashigikiye
27 Mukakaro 2018, 12:30, par Irakoze ezechiel
Natwe turinyuma bane nimukomeze ok
22 Nyakanga 2018, 13:33, par niyonkuru almonde
naj ndabahay courage vrmt muter muj imber nanj muzonyigish