IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emy Smith > Amasanamu > Emy Emery yashize ahabona isanamu yakorewe mu makungu

Emy Emery yashize ahabona isanamu yakorewe mu makungu

mardi 9 Nyakanga 2014

Emey Emery yashize ahabona isanamu y’ururirimbo yakoreye mu bahinyanyuzi karuhariwe bo muri Tanzaniya, yongera itosorerwa mu Burundi. Isanamu co kimwe n’amajambo ari muriyo yemeza ko naho yogira ibibazo bingana gute atoreka gukunda uwamubambiwe.

Isanamu y’ururirimbo "I Love u Jesus" yakorewe mu gihugu ca Tanzaniya n’inzu y’ubuhinyanyuzi karuhariwe mu masanamu " MAWASHI PICTURES FILM". Naho yari asanzwe ariko akora ireresi igihe yaca akora urwo ruririmbo, Emey Emery avuga ko yahisemwo iyo nzu kubera ikora neza amasanamu. Ati:"Naho nabashimye uko bakora amasanamu, ndashimira na Prince Mshindi hari ivyo yagiye arakosora bituma iba nziza gusumba.

Iyo sanamu ifise ubutumwa ubwa he?

Nk’uko vyumvikana mu majambo bikaboneka no mw’isanamu y’ururirimbo ubwayo, akemezwa na Emy ubwiwe, ubutumwa n’uko ata muntu yateshwa urukundo rw’Imana n’uko yabuze amahera y’inzu, ata vyo gufungura yaronse eka n’ibindi. Icizere gikuru coguma ku mana. Ari naho avuga ati:" I Love u Jesus", bisigura "Ndagukunda Yezu". Emy Emery arahakana ko ata "Beat" y’umuririmvyi Usher yakoreseje kiretse ko bahuriye k’umudiho wa RnB.

Mwomenyako Emery smith ariko ategura ururirimbo ruzorangiza umwaka.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.