IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Justin Bieber > Inyifato ya Justin Bieber ntirabwa ryiza n’abandi baririmvyi

Inyifato ya Justin Bieber ntirabwa ryiza n’abandi baririmvyi

samedi 1er Ruhuhuma 2014

Inyifato y’umuririmvyi Justin Bieber irateye ibibazo mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika. afise imanza nyishi mu butungane bwo muri ico gihugu. Bamwe mu baririmvyi bamuviriye hasi bamuha impanuro.

Uwo muririmvyi w’imyaka 19, aguma yiyamirizwa na benshi cane cane ababanyi biwe kubera umubano mubi afise uterwa n’akaborerwe, n’ibiyayuramutwe vyo ku rugero rwohejuru anywa, uri ibinini vyitwa Xanax anywa kugira aruhurire umutwe yibagire ingorane arimwo, eka n’ibindi. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi co mu gisagara ca Miami igihe ca mufata ariko anyonga umuduga wiwe wo mu bwoko bwa Lamborghini. Ivyo vyiyongereye ku rubanza afise muri sentare y’i Toronto aho aherutse gukubita umudereva w’iyindi modoka yiwe y’ubwoko bwa Limousine, aho azorenguka kw’igenekerezo rya 10 Ntwarante. Ivyo rero birababaza mugenzi Miley Cyrus w’imyaka 21.

JPEG - 98.3 ko
Imodoka yo mu bwoko bwa Lamborghini ya Justin Bierber

Mu kiganiro The Tonight Show yagiranye na Jay Leno, Miley Cyrus aremera ko na wenyene atera de! ariko abonako Justin Bieber wewe vyarenze ihaniro. Miley ati :«kwakunda gutamba niyubake inzu nini cane aheze yidagadure mu gutamba». Abandanya avugako yogerageza akigenza neza kuko imanza Justin afise muri sentare ari nyishi. Miley Cyrus avugako ariko amuhanura nk’uwumukurira. Yongerako ati :"ivyo naje narabigira kandi nta mategeko narenga!". Uwo mwigeme yavuze mw’ico kiganiro ko yihweje ivyo Justin Bieber akora, ko yoba ari inyuma nk’imyaka 7, bisigurako akora ivy’umwana w’imyaka 12.

JPEG - 52.2 ko
Miley Cyrus mu kiganiro The Tonight Show na Jay Leno

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.