IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > T-max > Inkuru > Inyuma y’isanganya, T Max ariyegereza cane Imana

Inyuma y’isanganya, T Max ariyegereza cane Imana

lundi 13 Gitugutu 2014

Inyuma yaho agiriye isanganya Imana igakinga ikamurokorera ubuzima, umuririmvyi T- Max yabandanije ashima ku buzima Imana yamusubije. Aboneka asenga yiyegereza Imana.

JPEG - 20.2 ko
T Max ariko arasenga

Amaze kubona avuye mu menyo y’urupfu, umuririmvyi w’umudiho wa Rap T Max yicisha bugufi yiyegereza Imana. T Max arangamije hejuru nk’uwuraba Imana, ati : "THANK God nehema kwa siku ya leo. Thanks to all my family, my friends and my fans kwa prayers zenu". Bisigura:" Urakoze Mana ku migisha umpaye uno munsi. Ishimwe ku muryango wanje wose iyo uva ukagera, ku bagenzi banje hamwe n’abakunzi ku bisabisho vyanyu."

Hamwe rero umuririmvyi T Max yoba yahora asenga yoba ari amata avyaye amavuta ariko hamwe yoba yibutse kwambaza Imana kubera imwongeye iminsi twomwipfuriza kubandanya.

Mwomenya ko T Max yagize isanganya mu gatondo ka kare kw’igenekerezo rya 09 Gitugutu, imodoka yarimwo yacitse ubunywenywe, uwo nawe arakomereka arikwo gutwarwa mu bitaro vy’abasirikare. T Max ashima Imana kuko ntiyaraye mu bitaro, n’ubu turonka amakuru ko ariko arakira.

Amwe mu mafoto y’uko isanganya ryagenze

JPEG - 113.5 ko
Imodoka yarimwo yabaye ubunywenywe
JPEG - 115.3 ko
Aho isanganya ryabereye

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.