IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Pablo Tikken > Inkuru > Inyuma y’urugendo rwa Pablo Tikken muri Kenya

Inyuma y’urugendo rwa Pablo Tikken muri Kenya

jeudi 31 Gitugutu 2013

Umuririmvyi w’umurundi Pablo Tikken aherutse kuganuka ava mu gihugu ca Kenya aho yari yagiye mu murwi w’abaserukira Uburundi mw’ihayanishwa ryabereye muri ico gihugu. Pablo akaba yararonse akaryo ko kuririmba rwiwe rushasha “Burundi my country”.

JPEG - 117.5 ko
Pablo Tikken

Mw’ihayanishwa “Magical Kenya Travel Expo” ryabereye mu gihugu ca Kenya, Uburundi bwaraserukiwe. Pablo Tikken, umuririmvyi w’umurundi, yari mu murwi w’abaserukiye Uburundi muri iryo higanwa. Tikken yagiye ku butumire yaronse. Mu birori bisozera iryo hayanishwa vyabaye kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu, Pablo akaba yabaye umuririmvyi wa mbere yatanguye kwikora mu gahogo i mbere y’abanyecubahiro bari bagendanye na Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya. Indirimbo “Burundi my country”, ikimota ubushasha akaba ariyo yaririmvye mu ntango z’ivyo birori bisozera “Magic Kenya Travel Expo”.

Iryo hayanishwa ryabaye kuma genekerezo ya 18, 19 na 20 Gitugutu. Ryari ryitabwe n’ibihugu bitari bike vyo muri Afrika. Aha twovuga Kenya, Uburundi ,Tanzaniya, Afrika y’Epfo, Soudani n’ibindi. Muri iryo hayanishwa, umuririmvyi akaba yararonse akaryo ko kubonana n’abaririmvyi b’abarundi baba muri ico gihugu. Muri abo, yarabonanye n’umuririmvyi Baino hamwe na Kidumu. Pablo ndetse akaba agiye gukorana indirimbo na Kidumu.

Uwabaye uwa kabiri mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards 2013, Paisible Ntaconzoba batazira Pablo Tikken, yagiye muri “Magical Kenya Travel Expo” mu murwi w’abaserukiye Uburundi. Uwo murwi ukaba warimwo n’umurwi ndangakaranga Intatana hamwe n’umurwi w’abatimbo “Abatimbo Percussion Magic”. Iryo hayanishwa rikaba ryari rifise intumbero yo kwerekana ubwiza bw’ibihugu bamwe bose bari baje bavamwo maze bahamagarire ingenzi kugendera ivyo bihugu vyo muri Afrika.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.