IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > T-max > Ururirimbo > Isanamu y’Ururirimbo "Ngirira vuba"yerekana intimba y’urukundo kubakundanye (...)

Isanamu y’Ururirimbo "Ngirira vuba"yerekana intimba y’urukundo kubakundanye batari kumwe

jeudi 21 Myandagaro 2014

Isanamu y’ururirimbo "Ngiririra Vuba" rwa T-Max n’umuririmvyikazi wo mu Rwanda iriko iraboneka ku rubuga rwa You tube yerekana umubabaro abakundana bagira igihe batari kimwe. Dada Cross ati: " Fata indege uze unyarutse kwihangana vyanse... uze uzimye uwu muriro disi watse... kwihangana vyanse".

PNG - 516.9 ko
Dada Cross na T Max

Amajambo T Max na Dada Cross baririmvye bongera berekana mw’isanamu y’ururirimbo "Ngirira vuba" yerekana intuntu z’urukundo ziterwa n’uko abakundanye batari kumwe. Dada Cross ati:" Burya gukunda muri kumwe biragora,... abateranya bahari ariko uwukenewe ni wewe... ndagukumbuye fata indege uze unyarutse uzimye umuririro disi watse".

Iyo ndirimbo co kimwe n’isanamu yayo ifise ubutumwa bukomeye cane aho umutu ateba akarambirwa urukundo, rukagabanurwa n’uko umuntu abura hafi yiwe uwo akunda.

JPEG - 12.7 ko
Dada Cross aririmbana intimba

Insobanuro zihagije hamwe n’ibindi bibazo ku muririmvyi T- Max tuzobibashikiriza mu kiganiro tuzogirana nawe kuri uyu wa 22 Myandagaro. uka ufise ikibazo ushaka ko twokubariza umuririmvyi T Max twandikire mu kibanza muhora mushikirizako ivyiyumviro, ikibi gusa ni ugutukana.

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Ngirira vuba"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • uramubaza ati we uri umuryndi 100 kw100? ko ukunda igiswahili kurusha kirundi

  • Ubwambere ndashimiye umuririmvyi t-max kuri uru rurimbo yaririmvye vraiment nirwiza cane kuko najewe rwankozeko igihe nariko ndarwitegereza ifoto zago numviriza kandi namajambo arimwo kweri ntaho bitandukaniye nayo umu cherie wanje nasize mugihugu ahora ambwira igihe duhaye tuvugana kuri telephone iyindirimbo yanyigishije vyinshi cane gose reko nagomba mumumbarize ko yoba ariko yitegura kuza ino i SOUTH-AFRICA kudutemberera murakoze kuko turamukumbuye.

  • eka mwabantumwe sivyogumyfina indirimbo n’urumuri rwanje koko nanje nizera ko tuzobonana.

  • Muramubaza igituma aza gutira umukobwa mu Rwanda kandi i Burundi abakobwa bazi kuririmba kandi bafise n’ijwi ryiza buzuye?aho nuguteza urubwa igihugu cacu!mbe ko mu Rwanda atamukobwa barigera baza gutora ino i Burundi,suko banka kwigayisha!

  • BIRABABAJE GUKUNDA UWURIKURE YAWE GUSA WOKWIHANGANA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.