Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Cedric Bangy ntashima ibikorwa vy’ishirahamwe ry’abaririmvyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Cedric Bangui > Umuririmvyi Cedric Bangy ntashima ibikorwa vy’ishirahamwe ry’abaririmvyi

Umuririmvyi Cedric Bangy ntashima ibikorwa vy’ishirahamwe ry’abaririmvyi

mardi 4 Munyonyo 2014

Ishirahamwe ry’abaririmvyi ( Amical des Musiciens du Burundi) riridogerwa na bamwe mu baririmvyi, baryagiriza gukora bidaciye mu mategeko kandi ko ridakora ku bw’inyungu z’abaririmvyi kandi aribo rijejwe. Memba ariwe Bruno Simbavimbere yagirizwa kuba yaranyuruje ivyuma vy’imfashanyo.

Cedric Bangy yagiriza Memba

Bamwe mu baririmvyi baridogera cane Bruno Simbavimbere azwi kw’izina rya Memba arongoye "Amical des Musiciens du Burundi". Cedric Bangy umwe mu baririmvyi avuga ko ari kumwe n’abandi nk’uwitwa Pacelli, Benito, na Jean Claude Kavumbagu aridogera ubwo burongozi bwa Memba. Avuga ko Memba yagiyeho ari umurongozi mfatakibanza, hari mu mwaka w’2004. Bangy abandanya avuga ko bari bamusavye ko inyuma y’indwi zibiri Memba yoca ategura amatora kugira ishirahamwe rirongorwe n’abatowe n’abaririmvyi ubwabo, none haheze imyaka 10 basaba amatora ariko Memba yirengagiza. Cedric Bangy avuga ko itegeko ngenderwako ry’ishirahamwe (Réglement d’ordre intérieur) rivuga ko inyuma y’imyaka 2 haba amatora.

Ikindi Bangy yagiriza Memba n’uko mu myaka 10 amaze aramutswa ishirahamwe ata n’ifaranga rimwe riri mu kigenga c’ishirahamwe cuguruwe muri "Interbank" kandi hari abaririmvyi bashasha biyandikisha, uwo muririmvyi akibaza aho amafaranga yo kwiyandikisha angana 5000 aja. Cédric Bangy abona ko ishirahamwe ataco rimariye abaririmvyi kuko ritarigera rifasha gutatura amatati hagati y’abaririmvyi, eka avuga ko ata terambere ry’abo baririmvyi uwo mukuru wa Amical des Musiciens yigera ashira imbere.

Cedric Bangy aragiriza kandi Memba ko yanyuruje imfashanyo y’ivyuma vy’umuziki vyari vyahawe ishiramwe. Bangy asaba ko Memba yokinjura ishirahamwe rigatwagwa n’abatowe kandi wewe abona ko uburongozi bworekerwa abaririmvyi bagikura. We na Memba co kimwe n’abandi b’inararibonye bakaja mu rwego rw’abahumure "comité des sages".

Inyuma y’ikiganiro tugirana na Bruno Simbavimbere turabashikiriza insiguro ziwe kuri ivyo yagirizwa na Cedric Bangy co kimwe n’abandi baririmvyi.

Tubibutse ko umuririmvyi Cedric Bangy amaze iminsi aja mu gihugu c’Urwanda gukora urukurikirane rwiwe rugira 12 kuva atanguye kuririmba.

Aha munsi murumva murabe n’isanamu y’ururirimbo "Seigneur" rwa Cedric Bangy


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Cedric komera kuko ama association hafi yose y,abarundi ameze uko .aba taxi velo motars .voitures...aba musiciens nabarasta kirazira rero kwiba .memba ni mumushengeze. kandi imyaka 10 ni myinshi.reo ntimube nk.abanyapolitke.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.