IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Jiji 7 yabonye ukuri mu ndoto ziwe: Raba amafoto

Jiji 7 yabonye ukuri mu ndoto ziwe: Raba amafoto

jeudi 26 Ntwarante 2015

Jiji Seven agiye gushira ahabona indoto ziwe z’ugufasha abana ba ntahonikora, intango izobonekera mu giteramo gikomeye azoremesha. Intumbero nyamukuru y’ico giteramo ni ukwegeranya amahera yo gufasha hamwe no gushira ku mugaragaro CD yise "He Knows me".

Amaze gutembera mu misozi ya MWAZA na KINDOBWE yo mu KABEZI akabona ubuzima abana b’aho babayemwo, ivyo bikiyongera ku ndoto zo gufasha ba ntahonikora nk’itererano ku gihugu ciwe, Jiji 7 yabateguriye igiteramo co gutoza amahera yo kubagarukirako. Iyindi ntumbero y’ico giteramo ni iyo gushira mu biganza vy’abakunzi biwe CD yise "He Knows me". Iyo CD irimwo indirimbo 11, harimwo : I Want to praise, He Knows Me, Ndi Umurundi, Set me free, na I’m a Soldier rwasubiwemwo kugira ruhinyanyurwe neza. Izo zose zakorewe muri MADIBA STUDIO y’umuhinyanyuzi Bachir, ziri mu mudiho wa Raggae kiretse nkeyi murizo.

Jiji 7 n’umurwi wiwe "Soldier of Christ" afadikanije n’umurwi w’abana witwa "Sons Of The Morning Star" bazomara amasaha abiri bariko bavuza umuziki urwiriyemwo indirimbo mpimbazamana zirimwo izo twababwiye n’izindi zakunzwe cane za Jiji 7.

Jiji asaba uwo wese ashaka gufasha abo bana ko yocisha intererano yiwe mu kugura CD "He Knows" iri ku mahera ibihumbi bitanu (5000 Frs Bu) vy’amarundi hamwe n’udupira kamwe kose kazoba kanditseko izina rya rumwe mu ndirimbo zigize iyo CD twababwiye.

Igiteramo kizoba ari kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza mu kibanza c’ibiteramo kiri ahahoze hitwa Odeo Palace ubu hitwa CHRISTIAN LIFE MINISTRY(CLM). Ibisigaye raba ku gicapo kiranga igiteramo aha munsi.

Amafoto ya Jiji Seve ari kumwe n’abana agiye guhora afasha

JPEG - 62.2 ko
Umukuru w’umutumba

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.