IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Patient Matabaro > Kuki Patient Matabaro akunda guherekeza Fizzo kuri "Podium"?

Kuki Patient Matabaro akunda guherekeza Fizzo kuri "Podium"?

mardi 22 Mukakaro 2014

Umuririmvyi Patient Matabaro ari mu baririmvyi baserukira ishirahamwe Brarudi mw’ihiganwa rya Primusic, araboneka kuri "Podium"igihe mugenzi we Big Fariouz aramukiwe kuririmba. Avugako akunda Fizzo kuva akiri muto cane, kandi na Fizzo aramukunda.

Patient Matabaro na Fariouz

Hageze ko Big Fariouz aja kuririmba mu biteramo ariko agirisha muri Primusic hamwe na Sat B na Matabaro, uwo wanyuma acamuherekeza. Barafashanya kuririmba indirimbo za Fizzo. Ivyo bimaze kuba kenshi, ni ko kwegera Patient Matabaro tukamubaza igituma aherekeza Fizzo kuri Podium.

Matabaro yishurako akunda Fariouz n’indirimbo ziwe kuva akiri muto cane, ati:" Hari naho na Fariouz ubwiwe ansaba ko twojana ku ruhimbi." Nasanze nawenyene akunda. Ku kibazo c’uko amajwi yabo ashobora kudahura bigatuma yomwicira ururirimbo, Matabaro agira ati:" Ijwi rya Fizzo ndarizi, ni ryiza cane, nshizemwo rwanje biryoha gusumba".

JPEG - 4.8 Mo
Patient Matabaro

Umuririmvyi Patient Matabaro yatwaye ihiganwa rya Primusic umwaka w’i 2013, yatowe mu ntara ya Makamba ari nayo iherutse guhabwa amanota make. Patient abonako ari gusubira inyuma kw’abaririmvyi bo muri iyo ntara, ariko asaba abatowe gushiramwo ishaka basubire batere iteka intara yabo.

Umviriza aha munsi ururirimbo "WhatsApp"rugezweho rwa Matabaro Patient na R Flow


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.