IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Michaël Jackson > Inkuru > Mark Lester, se w’abana ba Michael Jacskon

Mark Lester, se w’abana ba Michael Jacskon

mercredi 8 Rusama 2013

Mark Lester,umucuraranzi w’umwongereza akaba na somanbike w’umuhisi Micheal Jackson,umwami w’umudiho wa Pop avuga yuko ari se wa Prince Michael,Paris na Blanket basigwa n’umuririrmvyi Michael Jackson.

Uwo mucuraranzi w’umwongereza, Mark Lester, avuga yuko yiteguye no kuja kugirisha bimwe bita « ADN », bapime amate yiwe,kugira yerekane ko abo bana uko batatu, ari abiwe vy’ukuri. Prince Michael, imfura,akaba afise imyaka 16, Paris wa kabiri, imyaka 15 na Blanket umuhererezi, imyaka 11.

JPEG - 28.5 ko
Abana ba Michael Jacskon barikumwe na nyirasenge wabo

Uyo avugwa ko yari somambike w’umuhisi w’umwami w’umudiho wa Pop, yemeza « kuba afise amahirwe menshi » yo kuba se w’abo bana, akipfuza « gupimisha amate yiwe kugira avyemeze ».Kubw’ivyo Mark Laster yahishuriye ikinyamakuru Sunday Poeple, Michael Jackson yoba yari yarumvikanye n’ibitaro vy’i Harley Street ngo bamuhe imbuto,umwaka umwe imbere yuko Prince avuka ;hakaba hari mu myaka y’i 1990.

Ubugenzi hagati ya Michael Jackson na Mark Lester bwatanguye mu mwaka w’ 1978.Bakaba bari bahuriye mu muziki wari wateguwe n’aba Jackson mu bwongereza. Aho niho ubugenzi bwabo bwaciye bukomerera.

Imigenderanire y’umuhisi Machael Jacskon n’abandi bantu yari icungerewe cane.Mark Lester avuga ko yaciye agira amahiwe yo kuba somambike wiwe.Niho mbere yaca aza aremera ivyo uwo muhisi yamusaba vyose,ari naho yamusaba gutanga imbuto ziwe kugira bazishire m’uwahoze ari umukenyezi wa Michael Jackson, Debbie Rowe. Mark Lester,akemeza adahigimanga ko abo bigaragara cane ko basa n’abo yikiriye mu nda kuko mugukura kwabo bagenda barasa n’abiwe bazwi .


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.