IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > R-flow > Inkuru > Menya vyinshi k’umuririmvyi R-flow

Menya vyinshi k’umuririmvyi R-flow

samedi 23 Ruhuhuma 2013

Karimunda Riche –florin azwi kw’izina rya R-flow ni umusore w’imyaka 26, afise urupapuro rw’umutsindo muvyo ubutunzi, amaze kumenyekana nk’umuririmvyi w’umurundi akomeye kubera indirimbo n’ijwi ryiwe bikundwa na benshi.

R-flow yatanguye kuririmba mu mwaka wa 2006,n’indirimbo yiwe ya mbere yitwa “Never died” yaririmbanye na Soso .k yamaze kwitaba Imana.

Vyatanguriye aho, kubera ko ubuhinga aririmbana atangura gusabwa n’imirwi n’abaririmvyi batandukanye ko bofashanya indirimbo, twovuga nka Daz.Q, Perhaps, n’abandi.

Mu mwaka wa 2008 niho yakoze indirimbo yiwe ya mbere, yitwa “I wish” yakunzwe cane ica imwongereza inguvu zo kubandanya n’izindi.

R-flow ubu aramaze gukora indirimbo zishika 13 n’izindi nyinshi zanditse,arafise kandi umugwi w’abaririmvyi arongoye witwa “The causin”,muri uwo murwi bafise album yitwa “The causin in the game”.

JPEG - 8.6 ko

R-flow yamenyekanye cane ku ndirimbo yitwa “Sheba” yakunzwe cane mu Burundi ,mu Rwanda, mbere mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko mbere no mu mahanga kubera umudiho mwiza iririmbwemwo n’ubuhinga bwiwe.

Avuga ko hari indindirimbo ariko arategura ku buryo abona ko izokundwa cane gusumba Sheba, kubijanye n’uko izoba yitwa ntiyabitumenyesheje kuko ku bwiwe agomba ko izotangaza abantu kandi ko izoja ahabona mu minsi ya vuba.

JPEG - 6.7 ko

Ku bwiwe abona ko ata bakunzi atokwirirwa araririmba kuko aribo bafata iya mbere mu kumushigikira kandi ngo ni naho akura inguvu zo kubandanya akora ,nawe ngo azokwemera aze ararara yandika imirongo mishasha kugira abandanye anezereza abakunzi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.