Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss Arlaine yanse kurara mw’i hoteri imwe n’abaririmvyi bagenzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Miss Arlaine > inkuru > Miss Arlaine yanse kurara mw’i hoteri imwe n’abaririmvyi bagenzi (...)

Miss Arlaine yanse kurara mw’i hoteri imwe n’abaririmvyi bagenzi we

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Muri iyi weekend abacuraranzi batandukanye bari batumiwe mu giteramo cabereye mu Ntara ya cibitoke muri komine Rugombo, Miss Arilaine nawe yari mubatumiwe, bahashitse umwe wese yahawe icumba c’uburyamo muri hotel yitwa Thomary.

Miss Arlaine we ngo yaratevye kuronka aho arara aza guhabwa icumba mu nyuma ya bandi. mugatondo baje kumurondera baramubura. Aho tumuboneye twamubajije impamvu ataraye mu kibanza yahawe yatwemereye ko ataharaye ku mpamvu ziwe.

JPEG - 25.8 ko

Ngo icambere cabimuteye nuko akimara kubona ko yatevye guhabwa icumba yatanguye kwikanga ko umutekano wiwe utifashe neza kuko ngo bamwe mubariko batanga ivyumba bashobora kuba bari bafise umugambi wo kumurarana. aca ahitamwo kuja kurondera icumba muyindi hotel iri aho hafi.

kuruhande rw’abaririmvyi bagenzi we bo bavuga ko ashobora kuba yarabitewe nuko atawe bari basohokanye, kuko benshi mu baririmvyi bari kumwe n’ababo twavuga nka king R-flow na Queen chanelle wiwe, Mkombozi n’uwiwe yita Mkombozine,n’abandi bamwe na bamwe n’ababo.

JPEG - 16.7 ko

Kuruhande rw’abari bajejwe kwakira abo bacuranzi, bo bavugako bamuhaye icumba nk’abandi baririmvyi ashiramwo n’ibintu vyiwe munyuma agaca agenda.

Ngo kubwabo yabitewe n’impamvu ziwe kugiti ciwe ndetse ukuri kuri ivyo vyose niwe ubwiwe ukuzi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.