Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye > Amasanamu > Mw’isanamu nshasha, Alida anezerezwa n’umukunzi wiwe
Mw’isanamu nshasha, Alida anezerezwa n’umukunzi wiwe
mardi 16 Nyakanga 2014
Alida Baranyizigiye amaze iminsi ari mu bikorwa vyinshi vy’umuziki, yashize ahabona isanamu y’ururirimbo "I fell Alright". Alida aririmbira umukunzi wiwe ko aguwe neza bari kumwe.

Alida mu rurimi rw’icongereza ruvanze igifaransa, aririmbira umukunzi wiwe yerekana mw’isanamu ati :" Numva merewe neza, ntakekeranya ubu uri ngaha. Sinumva ico nokora kugira ndabikwereke, kiretse ubisomye mu mutima wanje. Iyo umenya ico niyumvira igihe cose uri kumwe nanje, n’uko numva merewe neza". Ayo majambo yumvikana mu gitero ca mbere.
Mu gitero ca kabiri, Alida aririmba ati : " Nagira nkubwire ko ata wundi nkunda atari wewe igihe cose nzobaho, nzobaho ku bwawe. Ese iyo wosoma mu mutima wanje,..."
- Alida ari kmwe n’uwo yita umukunzi wiwe mw’isanamu
Urukurikirane rw’indirimbo Alida amaze iminsi asohora rubonekamwo umunezero, aha tuvuga nka "Kankarana" na "I feel Alright". Alida wewe ntarya umunwa, aremeza ko yanditse ayo majambo anezerewe kandi uwo yayandikiye ahari hose ariyizi.
Mwomenya ko Alida yimirije igiteramo mu ntango za Gitugutu, aho afise n’ururirimbo rushasha( ibijanye n’igiteramo tuzobabwira vuba ido n’ido), ikindi n’uko Alida ubu ari mu gihugu c’Urwanda aho asanzwe aba akanarangurira imirimo yiwe ya minsi yose.
Cherif Nkeshimana